IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Campus Vibe yaraye itanguje icese ibikorwa vyayo

Campus Vibe yaraye itanguje icese ibikorwa vyayo

samedi 14 Nyakanga 2013

Campus Vibe ni ihuriro rihuza abanyeshure b’abakristo baturutse muri za kaminuza zose z’Uburundi, iryo huriro rikaba ryateguwe n’ishengero Christian Life Ministries mu ntumbero yo kugaragaza urukundo rw’Imana mu banyeshure ba kaminuza hamwe n’uko boba abantu bashobora guhindura ibintu na kare ko Imana yahamagariye abantu kuba ibikoresho vyo guhindura isi.

Ico giteramo gikomeye cabereye kuri Odeon Palace ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu cari citabwe n’abanyeshure benshi cane bavuye muri za kaminuza zose z’Uburundi. Amasengesho y’iryo huriro azogendera kw’ijambo ryanditse muri bibiliya muri Yesaya 43:18.

Muri ico giteramo haratanzwe impanuro ku rwaruka rwari ngaho, aho basiguriwe ibijanye n’ingene umuntu ashobora kwikorera imirimo kuko bigaragara ko bitoroshe ko Leta ironka iha akazi abantu bose. " Kugira urondere ico gukora ubwirizwa kubanza kumenya ico ushoboye hama wamara kukimenya ukacitaho kandi ugaharanira kugikora n’ubwenge n’inkomezi zawe zose, wamara gushaka kugikora ugaharanira kuba inyankamugayo kuri vyo.

Ico giteramo co gutanguza iryo huriro cari citabwe n’abaririmvyi batandukanye nka Fortran n’umurwi wiwe, Fabrice, Gabby Kamanzi wo mu gihugu c’Urwanda mbere n’abandi benshi.

Nk’uko abateguye iryo huriro babimenyesheje rizoza riraba uko ukwezi gutashe kandi ribera muri imwe muri kaminuza yo mu Burundi.


Joel Sengurebe

Messages

  • EGO NI VYIZA CANE GUHURIRA HAMWE KUGIRA ABANYESHURE BATAZIRE IMANA BATERERANE N’IVYIYUMVIRO KUBIJANYE N’UGUTORERA INYISHU IBIBAZO BIHANZE EGO NI VYIZA CANE GUHURIRA HAMWE KUGIRA ABANYESHURE BATAZIRE IMANA BATERERANE N’IVYIYUMVIRO KUBIJANYE N’UGUTORERA INYISHU IBIBAZO BIHANZE ISI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.