IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > « Yuguruye ntawugara » igiteramo ku bwanyu

« Yuguruye ntawugara » igiteramo ku bwanyu

jeudi 12 Kigarama 2013

Umurwi w’abaririmvyi b’indirimbo mpimbazamana, « Redemption Voice »bariko bategura igiteramo ntaraboneka, kizoba kandi kibaye ica mbere.

« Yuguruye ntawugara », ico ni icivugo c’igiteramo ca mbere kiriko gitegurwa n’umurwi w’abaririmvyi « Redemption Voice ». Ico giteramo categuwe kugira bashire ahabona urukurikirane bise « Yuguruye ntawugara », urwo rurimwo indirimbo 11.

Nzeyimana Arnold Zacharie, umwe mu bahungu batandatu n’umukobwa umwe bagize uwo murwi, asigura uwo mutwe avugako ico Imana ishatse arico gikorwa, yugururiye umuntu imigisha ntawuyihagarika. Avuga ko nabo bamaze kwugururirwa, kandi atawuzugara. Kwugururirwa kwabo n’uko igikorwa bakoze umwaka wose buca bagishira ahabona ku mugaragaro. Indirimbo "Uwogejwe", "Yuguruye ntawugara", "Yarakoze" eka n’izindi zizosamirana, abatari bwanzumvirize imbonankubone uwo munsi ni uwabo.

Muri ico giteramo kizobera mu nzu y’ibiteramo « Christian Life Ministries » iri aha hoze hitwa Odeon Palace, Redemption Voice bashobora kuzoba bari kumwe n’uwo imfura yabo Jiji Seven, eka n’abandi baririmba indirimbo mpimbazamana bazatari bake bazoza ku bafata mu mugongo muri ico giteramo cabo ca mbere.

Ico giteramo ntaraboneka kizoba ari kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2013 igihe c’isaha 17h z’umugoroba, kwinjira n’amahera y’amarundi 5000frbu mu vyicaro vyo hasi hamwe n’i 10.000frbu mu vyicaro vyo hejuru. Hazogurisha i « CD » irimwo urwo rukwirikirane rufise indirimbo 11, kandi ico giteramo gitandukanye n’ibindi kuko n’abo bizogora kuhashika, bazoronka amasanamu atomoye yerekana uko igiteramo cose cagenze


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Igiteramo kivuga ivy’imana ni ciza cane ,tuzoza just kwumviriza ubutumwa,mugabo nukuraba neza uyo murwi abawugize hanyuma bazoze bibuka iyarusha batume bashiramwo nakamwe hoho,mugaaaaaaabo 100%!!!!!
    erega nka twebwe twize ivyukwigisha umwana kugira agukurikire neza nuko aba akwiyumvamwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.