IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Igiteramo na Jean Christian Irimbere

Igiteramo na Jean Christian Irimbere

mercredi 6 Munyonyo 2013

Harategekanijwe igiteramo co gutanguze ibiteramo vyo gufashanya hagati y’abaririmba indirimbo mpayagizamana. Ico giteramo kizoba kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 10 Munyonyo 2013 kuri New Guinguete, ahahora Bethel Center kuva igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Ico giteramo kiriko gitegurwa na Christian Irimbere. Avuga ko intumbero y’ico giteramo ari uguteza imbere indirimbo mpimbazamana, kuva kubabimenyereye gushika kubagitangura bataramenyekana, bivuye ku mvo z’uburyo canke kwibaza ko badashoboye. Itanguzwa ry’igiteramo nk’ico rizofasha cane abaririmvyi kuko ku mwaka ku mwaka hazokwama hatorwa umuririmvyi azofashwa, haba gusohora indirimbo ziwe canke gukoresha amasanamu.

Uwo yateguye ico giteramo, ni nawe yamaze gutorwa kugira azofashwe uno mwaka. Insiguro abiha, n’uko ariwe yatanguje ico ciyumviro, kubw’ivyo, abo bari kumwe baciye basaba ko ariwe boherako mu kumushimira ku ciyumviro ciza yagize. Ku bijanye n’ahazova uburyo bwo kuzoha uwo azoba yatowe, amenyesha ko uburyo buzova mu mafaranga bazoba batoje mu giteramo. Ico biteze kizova muri uwo mugambi, n’uko abaririmvyi bahimbaza Imana bazoheza bakareka kuririmba bakebaguzwa kubera kumbure batabona ikiva mu ndirimbo zabo.

Kwinjira n’amafaranga y’amarundi 8000 ku muntu umwe n’15000 kuri babiri, kandi mu bibanza bisanzwe. Mu bibanza vy’iteka ni amafaranga 20000 ku muntu umwe na 25000 kuri babiri.

Twobibutsa Christian irimbere asanzwe aririmba, ubu afise indirimbo nka “Mfise Yesu”, na “Izobikora”. Yarabonetse mu ndirimbo yahimbaza imyaka mirongo itanu Uburundi bumaze bwikukiye, eka no mu giteramo "Imuhira Festival”yarimwo"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.