IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > CEEAC basaba abarundi kubandanya inzira y’ibiganiro

CEEAC basaba abarundi kubandanya inzira y’ibiganiro

mercredi 27 Rusama 2015

Ishirahamwe ry’ibihugu bigize akarere ka Afrika yo hagati CEEAC bamenyeshako Uburundi bugeze ku ntambwe ishimishije mu gikorwa co guhagararira amahoro muri Afrika.

Mw’ijambo ryo kwugurura inama yabereye i N’Djamena ku murwa mukuru wa Tchad, Idriss Déby Itno umukuru w’igihugu ca Tchad yavuze ko Uburundi butari bukwiye kuba mu bihe vy’umutekano muke burimwo muri kino gihe.

Abakuru b’ibihugu bigize CEEAC,bariyamirije ubwicanyi bwahitanye Zedi Feruzi yahora arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga hamwe n’itembagazwa ry’ubutegetsi ryageragejwe kuwa 13 Rusama,2015.

Abo bakuru b’ibihugu baboneraho akaryo ko gusaba abanyepolitike,abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike,hamwe n’umukuru w’igihugu,kubandanya inzira y’ibiganiro mu ntumbero yo guhuza abarundi bose.

Muri iyo nama kabaye akaryo ko kugena Goukouni Weddeye yahoze arongoye igihugu ca Tchad yagenwe kuba intumwa idasanzwe ya CEEAC mu karere k’ibiyaga binini,hamwe n’Uburundi vy’umwihariko.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.