IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chine:Hafashwe Inyama zimaze imyaka irenga 40 zibitswe

Chine:Hafashwe Inyama zimaze imyaka irenga 40 zibitswe

mercredi 24 Ruheshi 2015

Inyama zimaze imyaka irenga 40 zibitswe,zingana n’amatoni arenga 100000 zifise agaciro k’amafaranga imiliyoni 435 z’amafaranga y’abanyaburaya nizo zafashwe n’ubutegetsi bw’igihugu c’Ubushinwa.

Amakuru ava mu binyamakuru vyo mu Bushinwa,amenyesha ko umutegetsi wo mu ntara ya Hunan yumvise akamoto kabi acugurura ico kibanza cari kibitswemwo itoni zirenga 800 y’inyama.

Urubuga rw’ingurukanabumenyi rw’intara ya Hunan rumenyesha ko inyama nyinshi ziva mu karere gahana urubibe n’igihugu ca Vietnam,kuko muri ako gace hatagenzurwa cane.

Abategetsi bo mu karere ka Guangxi gahana urubibe n’igihugu ca Vietnam bamenyesha ko,zimwe muri izo nyama zabitswe mu gihe Mao Tse-Toung yashinze republika y’abanyagihugu atari bwitabe Imana.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.