Chine :Kubera kwambara impuzu ngufi abagore n’abakobwa babagabaniriza ibiciro

Yanditswe na Bill Nkurunziza
Kuya 3 juin 2015 saa 02:49
Yasomwe : 53505
0 0

Nk’uko urubuga ngurukanabumenyi rwa Oddity Central.com rubitangaza, iri gabanywa ry’ibiciro rikorwa ku bagore hakurikijwe ubugufi bw’ikanzu canke ijipo umugore yambaye, aho uko ikanzu igenda iba ngufi ari ko n’igiciro kigenda kigabanywa ku rugero rutangaje.
Iyo umugore acinjira muri iyi nzu bariramwo, hariho umuntu ajejwe guca apima ikanzu yambaye uhereye hejuru y’amavi ugaca umenya ingene umugabanya ibiciro vy’infungurwa Iri gabanywa ry’ibiciro hakoreshejwe ubu buryo, ryatanguriye mu buriro bwa (...)

Nk’uko urubuga ngurukanabumenyi rwa Oddity Central.com rubitangaza, iri gabanywa ry’ibiciro rikorwa ku bagore hakurikijwe ubugufi bw’ikanzu canke ijipo umugore yambaye, aho uko ikanzu igenda iba ngufi ari ko n’igiciro kigenda kigabanywa ku rugero rutangaje.

Iyo umugore acinjira muri iyi nzu bariramwo, hariho umuntu ajejwe guca apima ikanzu yambaye uhereye hejuru y’amavi ugaca umenya ingene umugabanya ibiciro vy’infungurwa
Iri gabanywa ry’ibiciro hakoreshejwe ubu buryo, ryatanguriye mu buriro bwa Yang Jia Hot Pot iri mu gisagara ca Jinan mu ndwi iheze, kandi ,umwimbu usigaye ari mwinshi kuko usanga,abagore batonze imbere yubwo buriro barindiriye ko bapimwa.

Umukobwa canke umugore yambaye ikanzu ku buryo kuva hejuru y’amavi kugera aho itanguriye hari uburebure bwa cm 13 agabanyirizwa 90% ku giciro, nayo uwambaye iyihera kuri cm 10 akagabanirizwa 20%.

Mwen’ubwo buriro Eason Yang, avuga ko ubwo buryo bwashizweho mu rwego rwo gushimira abagore,n’abakobwa kuko aribo bari basanzwe bitaba ubwo buriro cane.kandi akemeza ko ari n’imwe mu mitwe(strategie)yakoresheje akanahamagarira uwariwe wese kwiga umutwe yokoresha yisangije wenyene .

Ati :« uburiro bwacu bumaze amezi atanu bubayeho, buri kwezi tugira akantu gashasha kw’ igabanywa ry’ibiciro ivyo navyo bituma abatwitura baguma biyongera. »

S’ ubwa mbere muri iki gihugu hagaragaye uburiro bugabaniriza ibiciro abantu bamwe bamwe ibiciro, aho mu ntango z’uyu mwaka uburiro bwa Zhengzhou bwatanga infungurwa ku bakobwa batanu batoranwa kw’ ari beza b’umunsi, aba bakaba baratoranywa n’abatunganya ubwiza (Plastic surgeons).


Kumenyekanisha

1
Everine 15-10-2016 à 14:43

UMUSHERI

2
Eric 4-06-2015 à 15:37

Isi yasaje

3
Jean Bosco GATYE 4-06-2015 à 09:00

ISI IGEZE KUMUSOZO PE !UBURIRO BWABAYE RENFORCEMENT YUGUSHIGIKIRA ABAGENDA AMENYA ?NDUMVUWOZA ARI GUSA NTIYORIHA,MANA DUTABARE.

4
Karabaye 3-06-2015 à 23:28

Erega bafis’amaso ariko bakayafunga ngubwo ntibabon ,amatwi bukayaziba ngo ntibumve nshima ik’igikoresho ut ni#stratégie#egooooo uwufise amatwi cank amaso ik nicogihe ciz cokub’ahange.6 non c ô choz

5
M AL 3-06-2015 à 20:58

UKO NI UKUGWIZA UBUSAMBANYI

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha