Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Colombia : Amasezerano y’uguhagarika intambara yari imyaka 50 yateweko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Colombia : Amasezerano y’uguhagarika intambara yari imyaka 50 yateweko (...)

Colombia : Amasezerano y’uguhagarika intambara yari imyaka 50 yateweko umukono

jeudi 25 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta ya Colombia hamwe n’umuhari uyigwanya wa FARC bashize umukono ku masezerano y’amahoro, yo guhagarika intambara yari imaze imyaka irenga mirongo itanu.

Impande zose ko ari zibiri zumvikanye gufasha abanyagihugu, mu kwitaho abahahajwe n’iyo ntambara hamwe no kugarukana amahoro.

Nk’uko tubikesha BBC, itangazo bashizeko umukono ryasomwe mu birori vyabereye i Havane ku mugwa mukuru w’igihugu ca Cuba, aho ivyo biganiro vy’amahoro vyari bimaze imyaka ine biriko birabera.

Iyo ntambara yahitanye abantu barenga ibihumbi 220, isiga abarenga umuriyoni batagira aho bakika umusaya.

Igihe ayo masezerano azomara kizogenwa n’abanyagihugu ba Colombia biciye mu matora ya kamarampaka azoba mu kwezi kw’icumi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.