Accueil > Amakuru > Mu makungu > Colombia : Amasezerano y’uguhagarika intambara yari imyaka 50 yateweko (...)
Colombia : Amasezerano y’uguhagarika intambara yari imyaka 50 yateweko umukono
jeudi 25 Myandagaro 2016, par
Reta ya Colombia hamwe n’umuhari uyigwanya wa FARC bashize umukono ku masezerano y’amahoro, yo guhagarika intambara yari imaze imyaka irenga mirongo itanu.
Impande zose ko ari zibiri zumvikanye gufasha abanyagihugu, mu kwitaho abahahajwe n’iyo ntambara hamwe no kugarukana amahoro.

Nk’uko tubikesha BBC, itangazo bashizeko umukono ryasomwe mu birori vyabereye i Havane ku mugwa mukuru w’igihugu ca Cuba, aho ivyo biganiro vy’amahoro vyari bimaze imyaka ine biriko birabera.
Iyo ntambara yahitanye abantu barenga ibihumbi 220, isiga abarenga umuriyoni batagira aho bakika umusaya.
Igihe ayo masezerano azomara kizogenwa n’abanyagihugu ba Colombia biciye mu matora ya kamarampaka azoba mu kwezi kw’icumi.
IGIHE
Messages
26 Myandagaro 2016, 05:06, par Irishura
Biraberey Kand Birahimbay kwumva abahora Batabonana Ubu Bakaba Bagiy Gusangira Akajumbu N’agacupa! Arik Rer Bageragez Imvugo Ijan Ningir,kuk :"uwufis Ubweng Wes Yipfuza Kubaho Mumahoro."
26 Myandagaro 2016, 21:06, par emile
Nta woreka guhimbarwa n ahoro