Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Colombia : Impande zompi zahagaritse intambara yari imaze imyaka 52
Yanditswe taliki ya 29-08-2016 - isaha 10:31' na IGIHE

Umuhari wa FARC wari umaze imyaka 52 urwanya Reta ya Colombia watangaje kuri uwu w’Imana nk’igihe c’isaha zitandatu z’ijoro mu masaha yo muri ico gihugu, ko uhagaritse burundu intambara.

Umukuru w’uwo muhari azwi kw’izina rya Timoshenko yamenyesheje ati : "Abavyeyi ntibazongera guhamba abahungu n’abakobwa babo bahitanwe n’intambara”, yongera ati : "Ugucanamwo n’urwanko turabisezereye".

Umukuru w’igihugu wa Colombia, Juan Manuel Santos, nawe nyene yari yamaze gutangaza ko abasirikare biwe ata rusasu bazosubira gutumbereze ku barwanya Reta kuva kuri uwu wa mbere.

Mu kwezi kwa gatandatu niho izo mpande zompi zatera umukon ku masezeranyo y’amahoro i Havana muri Cuba, amasezerano arangiza intambara yari imaze imyaka 52 hagati y’abanyagihugu.

Iyo ntambara ihagaze yari imaze guhitana abantu barenga ibihumbi 220, abarenga imiriyoni zitanu nabo barateshwa izabo.

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.