IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > David Cameron yasezeye inama nshingamateka

David Cameron yasezeye inama nshingamateka

mercredi 13 Mukakaro 2016, par Jean De Dieu

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza David Cameron, uyu musi yagize inama ya nyuma n’inama nshingamteka inyuma y’imyaka itandatu ari ku butegetsi.
Habaye uguterana amajambo n’umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na reta wa Labour, Jeremy Corbyn, ku vyerekeye ubutunzi, hamwe no gushaka kuguma ku butegetsi mu migambwe yose.

JPEG - 33.6 ko
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza David Cameron, uyu musi yagize inama ya nyuma n’inama nshingamteka inyuma y’imyaka itandatu ari ku butegetsi.

Uyu musi ni wo wanyuma wa David Cameron kwitwa umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, inyuma y’imyaka itandatu ari muri ayo mabanga.
Mu nama nshingamateka, yishuye ku bibazo vy’abashingamateka, ubu na ho bikaba vyitezwe ko abonana n’umwamikazi Elizabeth ku kirimba ciwe i Buckingham, aho aza kumushikiriza ikete ryiwe ryo gutanga imihoho.

JPEG - 32.5 ko
Umupfasoni Theresa May aca amusubirira muri ayo mabanga

Umupfasoni Theresa May aca amusubirira muri ayo mabanga bari bicaranye.
Cameron yamenyesheje ko agiye gutanga imihoho, inyuma y’aho atsindiwe mu matora ya kamarampaka yatumye Ubwongereza buhitamwo kuva mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.

Uwugiye kumusubirira, umupfasoni May, yiyemeje gushira mu ngiro ingingo yo kuva mw’ishirahamwe EU, n’aho wewe atari yashigikiye uwo mugambi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.