Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
David Nduwimana, amezi atatu muri Australie - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > David Nduwimana, amezi atatu muri Australie

David Nduwimana, amezi atatu muri Australie

vendredi 30 Myandagaro 2013

Umuririmvyi w’indirimbo zo gutazira Imana, David Nduwimana, amaze iminsi ari mu gihugu ca Australie. Akaba azomara ikiringo amezi 3 akora ibiteramo vyo guhimbaza Imana. Ku butumire yahawe nabarundi basanzwe baba muri ico gihugu co ku mugabane wa Océanie.

JPEG - 56.7 ko
David Nduwimana

David Nduwimana yaronse ubutumire bw’abarundi baba mu gihugu ca Australie. ubu akaba amaze iminsi mike ashitse muri ico gihugu. Ahanini, intumbero zamujanye muri ayo mahanga akaba ari 2. Imwe akaba ari ukwifadikanya n’abarundi baba muri ico gihugu mu biteramo vyo guhimbaza Imana baremesha.

Ikindi camujanye muri ico gihugu ni ukubona umuryango w ‘umukunzi wiwe uba muri ico gihugu. Kukaba nkako umukunzi wa David Nduwimana akomoka mu gihugu ca Autralie. Ivyo ngo bikaba vyiza ko umuryango womumenye nawe akawumenya kuko bimirije urubanza rw’ubugeni ruzobera i Bujumbura.

Mwo menya ko David ari mu ri ico gihugu ca Australie mu gihe ariko aranitegurira urukurikirane rwiwe rushasha rwa 2. Urukurikirane ruzoba rwitwa « Yesu uri inyishu ». Urukurikirane ruzoba rugizwe n’indirimbo 10 ziri mu kirundi, icongereza n’igiswahiri. Rukaba ruzoba ruje rukurikiye urukurikiirane « Ni wewe nizigira » yasohoye ubwa mbere mu 2011.


SENGUREBE Joël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.