Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald Trump aranegura aba Republicains batamushigikiye
Donald Trump aranegura aba Republicains batamushigikiye
jeudi 11 Myandagaro 2016, par
Donald Trump, umukandida w’aba Republicain, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yaneguye yivuye inyuma abanywanyi bo mu mugambwe wiwe bavuga ko batamushigikiye.
Abo nabo ni nk’umukenguzamateka wo mu Reta ya Maine, Susan Collins, n’abandi bategetsi batari bake baturuka mu mugambwe w’aba Republicain, bahoze bakora mu vy’umutekano, no mu bijanye n’imigenderanire n’ayandi makungu.
- Donald Trump
VOA ivuga ko Donald Trump ashikirije ivyo inyuma y’aho hasohokeye ibindi biharuro vyerekana ko umukandida w’aba Demokrate, Hillary Clinton atera aza imbere cane ya Trump. Ibiharuro vyasohotse kuri uwu wa kabiri vyerekana ko Hillary Clinton aza imbere ibice 51 kw’ijana, kuri 41 kw’ijana vya Donald Trump.
Umukenguzamateka Susan Collins, ari mu bavuga ko badashigikiye umukandida wabo, yabwiye ikinyamakuru Washington Post, ko Donald Trump ata muco w’aba Republicain, werekeye uburongozi bushira hamwe abantu, afise.
Collins avuga kandi ko Trump atagira ugutekana muri we, n’ingendo ikenewe kugira abe umukuru w’Igihugu. Collins akavuga ko ahubwo Trump ahitamwo gusuzugura no gutuma urutoke abantu ku bijanye n’amadini canke ubwoko bwabo.
IGIHE
Messages
11 Myandagaro 2016, 16:12, par Yves
ahoho nimba ivyo bamuvugako nimba arivyo ntakundi nareke gushavura nta mu polticien ashavura
12 Myandagaro 2016, 02:17, par Schwarzenegger
Jewe ukondabibona uyumukandida waba Republican bamutangatanze nkakumwe baheruka gutangatanga reta yuburundi!