Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Donald Trump aranegura aba Republicains batamushigikiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald Trump aranegura aba Republicains batamushigikiye

Donald Trump aranegura aba Republicains batamushigikiye

jeudi 11 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Donald Trump, umukandida w’aba Republicain, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yaneguye yivuye inyuma abanywanyi bo mu mugambwe wiwe bavuga ko batamushigikiye.

Abo nabo ni nk’umukenguzamateka wo mu Reta ya Maine, Susan Collins, n’abandi bategetsi batari bake baturuka mu mugambwe w’aba Republicain, bahoze bakora mu vy’umutekano, no mu bijanye n’imigenderanire n’ayandi makungu.

JPEG - 51.2 ko
Donald Trump

VOA ivuga ko Donald Trump ashikirije ivyo inyuma y’aho hasohokeye ibindi biharuro vyerekana ko umukandida w’aba Demokrate, Hillary Clinton atera aza imbere cane ya Trump. Ibiharuro vyasohotse kuri uwu wa kabiri vyerekana ko Hillary Clinton aza imbere ibice 51 kw’ijana, kuri 41 kw’ijana vya Donald Trump.

Umukenguzamateka Susan Collins, ari mu bavuga ko badashigikiye umukandida wabo, yabwiye ikinyamakuru Washington Post, ko Donald Trump ata muco w’aba Republicain, werekeye uburongozi bushira hamwe abantu, afise.

Collins avuga kandi ko Trump atagira ugutekana muri we, n’ingendo ikenewe kugira abe umukuru w’Igihugu. Collins akavuga ko ahubwo Trump ahitamwo gusuzugura no gutuma urutoke abantu ku bijanye n’amadini canke ubwoko bwabo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.