Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Donald Trump "ashobora kuba umukuru w’igihugu w’ikigwarudubi" muri kahise ka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald Trump "ashobora kuba umukuru w’igihugu w’ikigwarudubi" muri kahise ka (...)

Donald Trump "ashobora kuba umukuru w’igihugu w’ikigwarudubi" muri kahise ka Amerika

mardi 9 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ikete ryateweko umukono n’abahinga muvy’umutekano bo mu mugambwe w’aba republicains rigabisha ko Donald Trump "ashobora kuba umukuru w’igihugu w’ikigwarudubi" muri kahise ka Reta zunze ubumwe za Amerika.

Uwo mugwi w’abahinga muvy’umutekano wateye umukono kuri iryo kete, urimwo n’uwahoze arongoye igendereza rya Reta zunze ubumwe za Amerika, Michael Hayden, uwo nawe akaba yamenyesheje ko Donald Trump "adafise inyifato ibereye, imico n’ubumenyi bukwiye" kugira abe umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika.

JPEG - 499.2 ko
Michael Hayden, yahoze arongoye igendereza rya Reta zunze ubumwe za Amerika, ari mu bateye umukono kuri iryo kete

BBC ivuga ko benshi mu bashize umukono kuri iryo kete, bari banse gutera umukono kw’ikete nk’iryo, mu kwezi kwa gatatu.

Ku ruhande rwa Donald Trump, mu kwishura kuri iryo kete, yavuze ko abateye umukono kuri iryo kete ari "Akagwi k’incabwenge z’i Washington vyananiye", kariko karahiga ukwo kokwigumiza ku butegetsi.

JPEG - 455.5 ko
Donald Trump ariko yiyamamaza mu kibanza c’umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika

Iryo kete rije inyuma y’aho igitigiri kinini c’abategetsi b’aba republicains bakuriye amaboko kuri uwo mugwizatunga Donald Trump ariko yiyamamaza mu kibanza c’umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo Abo Bateye Umukono Kuri Iryo Kete,ni Bo Birwarubi.

  • Umvanda babwire mwese basomyi bikikinyamakuru, America jewe niyombamwo kandi sukuyibamwo gusa ndahafitiye nubwenegihugu bwaho muvyukuri ikigihugu nicambere citaho gukurikirana bikwiye abantu bafise ingorane zitandukanye zumubiri muntumbero yokugira ubeho bizwi muma document s yawe naya letat cokimwe nayamagarayabantu kufise akagorane. Nimbarero ababasiye kurururwandiko bataciye bahomekako urwandiko rwavuye mubaganga ruvugako harakagorane Mr. Trump Donald afise mubuzimabwiwe ivyotuvyita gutukana bisanzwe ninkuko nocananje mbwira abantubose ngo abobasiye ivyo ngokuva America yabaho nibwohabonetse abantu bibirwarudubi (stupid group)
    Umvanamwe: uyu Trump arafise owned business kandi ayimaranye igihe kirekire arafise abantu babany’America majana namajana babayeho kubera we kuko arabakozi bakora kubera business yiwe.
    None twemere koko kuwomugabo arikirwarudubi? Niyababaye ikirwarudubi tuzocatumenya ko America igizwe bibirwarudubi gusa!!!

  • Ubwo Trump ntaco apfana na Nkurunziza?

  • Jason munyakazi ngo uwufise business ntaba ikwarudubi!!!! Nsanze ariw atabizi wenyene!!! Aba kuriyih Zip code ataziko urwo rugabo arikirwarudubi!!! Arafise cable ngo arabe amakuru!!!! Ngo abantu amajana babayeho kubmwiw!!! Canke nawe abayeho kubera avakora iwe!!! Nugufashanya!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.