Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Donald Trump yatsinze mu ntara zikomeye muri Amerika
Yanditswe taliki ya 16-03-2016 - isaha 13:58' na IGIHE

Donald Trump yateye intambwe mu kwegereza kugenwa guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ku ruhande rw’aba republicain muri Amerika, inyuma yo gutsinda mu ntara zitatu zikomeye, harimwo na Florida.

Uwo mugwizatunga wo mu ntara ya New York, yatsinze mu ntara za Illinois na Noth Carolina.
Ariko nawe yatsinzwe na John Kasich mu ntara ya Ohio.

Uwuri imbere mu mugambwe w’aba democrates, Hillary Clinton, nawe yongereje amahigwe yiwe mu gutsinda mu ntara za Florida, Ohio, Illinois na North Carolina.

Marco Rbio, umwe mu bari bitezwe ko atsinda Trump mu mugambwe w’aba republicains, yikuye mw’ihiganwa, inyuma y’aho Trump amutsindiye mu ntara yiwe ya Florida.

Mu ntara zinini zitanu, Florida, Missouri, North Carolina, Ohio na Illinois, habaye amatora yo gukuranamwo kuwa kabiri.

"Ni ngombwa dusubize hamwe umugambwe," uko ni ko Trump yavuze mw’ijambo yashikirije kuri Palm Beach, muri Florida inyuma yo kuronka intsinzi.
Yiteze ko iyo ntsinzi imwugururira inzira yo guserukira umugambwe w’aba republicains mu matora y’umukuru w’igihugu ca Amerika.

John Kasich, yatsinze ubwa mbere mu ntara ya Ohio, asanzwe arongoye, kuva ayo matora yo gukuranamwo atanguye.
Mw’ijambo yashikirije inyuma y’iyo ntsinzi, Kasich yavuze ko ashaka guca inzira y’abazovuka mu misi iza, aca arashimira Rubio ku kungene yiyamamaje.

Rubio yatangaje ko avuye muri iryo higanwa mu nama yabereye mu gisagara ca Miami, inyuma y’aho atsindiwe mu ntara ya Florida.

Muri iyo ntara, umupfasoni Clinton yashikirije ijambo ryiwe anezererewe intsinzi yari ahejeje kuronka, aho yanebaguye Trump avuga ko abanyamerika barindirinye igishika inyishu y’ibibazo bahanganye navyo.

Uwo bahanganye muri ayo matora, umukenguzamateka w’intara ya Vermont, Bernie Sanders, yemereye abamushigikiye mu ntara za Phoenix na Arizona, ko azoguma muri ayo matora.

Intara za Florida na Ohio, ni ngirakamaro mu mugambwe w’aba republicains, kuko uwutsinze ariwe aca atwara abaserukira abandi bose.
Florida ifise abaserukira abandi 99 mu gihe Ohio afise 66.

Ivyiyumviro vyanyu

Afise ico yabivugiye kumbure niko abona nabaduserukira ngo naba president bagaruka bakadukoloniza kuburyo birenze kwemera kandi abo benewacu bakadukoroniza bivuye kuribo nyene abazungu ubwo we abona vyopfa biba straight bakiyizira kudukoroniza hama bakabandanya iterambere bakadukoroniza bongera badusigira iterambere.Ariko ubu rija mumifuka yabantu bamwe.Naho abikoze kugira aducinyize ngo nuko turabirabure kizoba aricogihe cogusenyuka kw,amerika ubutakivurwa.kuko IMANA irahari.

19.03.2016 à 09:08
Tubirabe

uw trump yavuz kwabirabre atac tumaz ko dukwiy gusubra gukoronizw nk 100ans !haaaa muragbe agatorw ibar rizorw

19.03.2016 à 05:34
g.j

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.