IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Dubai: Ihoteri ikomeye yafashwe n’umuriro

Dubai: Ihoteri ikomeye yafashwe n’umuriro

vendredi 1er Nzero 2016

Ihoteri ikomeye Address DownTown Dubai iri mu gisagara ca Dubai muri Reta Zunze Ubumwe z’abarabu yahiye mu gihe haraswa ibisasu vyo kwerekana umunezero w’umwaka mushasha w’2016 hafi yaho iri.

Hari nk’igihe c’isaha zitandatu z’ijoro kw’isaha mpuzamakungu igihe ababibonye bavuga ko bumvise ibintu biturika hanyuma babona umuriro.

Inyuma y’amasaha make habandanije haboneka umwotsi wirabura ndetse umuriro ushika mu nzu zitandukanye zigize iyo gorofa.

Umwe mu babibonye yaganiriye na CNN yavuze ko yagiye yumva ibisigarira vy’ibikoresho vy’inyubako bigwa hasi nk’isaha icenda kuva yumvise ivyo vyaturitse. Abayobozi ba Hotel baciye batangura gusohora abari muri iyo Hoteri kandi basohotse mu mutekano.

Impamvu yatumye iyo nyubako ifatwa n’umuriro ntiramenyekana. Abantu nimiburiburi 16 ni bo bakomeretse, barimwo 14 bakomeretse bikomeye.


IGIHE

Messages

  • Ico nigihano c-Imana!Abandi bararara barasenga namwe mukarara muma hotel! Koma.

  • NUKURI NUGUSENGA KUKO NIGIHE CIHEREZO BENEDAT NIMWIHANGANE NTAKUNDI

  • Wowe Hitimana niba wararaye usenga ndabona waribagiwe gusaba Imana ikwigishe urukundo, tolerance, n’ubuntu wagiriwe. Kurara muri hotel ni icyaha? Benshi baba mu mahotel iminsi n iminsi igashira bari muri mission z akazi ariko kuri wowe ngo ni igihano cy Imana? Imana ikubabarire kdi niba ari na ignorance ngusabiye gufunguka mu mutwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.