IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > DUNIA, ubutumwa bwo kurwanya urudandazwa rw’abantu

DUNIA, ubutumwa bwo kurwanya urudandazwa rw’abantu

jeudi 19 Kigarama 2013

Ishirahamwe Wushu ry’urukino rwa Kung Fu ryemerewe gukorera ku mugaragaro kuva ku genekerezo rya 9 Gitugutu 2013. Iryo shirahamwe risanzwe ari naryo rya mbere rikina urwo rukino rwa Kung Fu mu Burundi rigizwe n’abanywanyi 300, ubu bakaba bariko bategura ireresi ihamagarira abantu kurwanya urudandazwa rw’abantu, hamwe n’ukunywa ibiyayuramutwe.

Wushu ni ishirahamwe rikorera mu gisagara ca Bujumbura, rikaba rikina urukino rwa Kung-fu, rusanzwe rukomoka mu gihugu c’Ubushinwa. Iryo shirahamwe ririko ritegura ireresi "Dunia", aho bazotanga impanuro mu kurwanya urudandazwa rw’abantu (trafic humain) hamwe n’ibiyayuramutwe. Nk’uko tubimenyeshwa n’umwe mubazokina muri iyo reresi, harageze ko abantu bahaguruka bakarwanya urudandazwa rw’abantu rumaze iminsi rwibonekeza. Muri iyo reresi bazokwerekana uruhara rw’abavyeyi, abigeme ari nabo basanzwe babangamiwe n’urwo rudandazwa, hamwe n’uruhara rw’abajejwe intwaro mu kurwanya ayo mabi.

JPEG - 16.6 ko
Umwe mubazokina muri iyo reresi

Ubutumwa nyamukuru buzoba buri muri iyo reresi izosohoka mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka buca dutangura, ni uguhamagarira abantu gushira hamwe ubushobozi, kugira urwo rudandazwa ruranduranwe n’imizi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.