IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Emmy Smith ati: kwibuka gushima Imana ni vyiza

Emmy Smith ati: kwibuka gushima Imana ni vyiza

jeudi 4 Mukakaro 2013

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 4 Mukakaro 2013, umuririmvyi Ndaboroheye batazira Emy azwi kw’izina rya” Emy Smith” yabariye ikinyamakuru IGIHE ko muri iyi minsi ariko abandanya ibijanye n’umurimo w’Imana kandi ubu ico yumva muri we ari ugushimira Imana kubw’ingabirano yo kuyikorera yamuronkeje.

Abandanya avuga ko yumva yishimiye ingene Imana yamuhaye ingabirano nziza yo kubwira abantu ko Yesu agira neza, no kubamenyesha ko satani agira nabi, ivyo vyose akaba abikora abicishije mu ndirimbo ziwe n’ijambo ry’Imana nk’uko amaze iminsi abikora mu rwego rw’ivuga butumwa. Emmy Smith yavuzeko we yumva agomba kwitwararika iyo ngabirano kugirango ayikoreshe neza kuko yumva afise intumbero yo kwigisha kugaruka kugakiza ( Return to salvation).

Abandanya amenyesha ko atagomba kuba nka bamwe mu baririmvyi basigaye baririmbira Imana barondera icubahiro, kumenyekana, kubona amahera n’ibindi, aho yagize ati: Mubanze murondere ubwami bw’Imana no kugororoka kw’ayo ibindi vyose muzovyongerezwa. Uyo muririmvyi yabandanije avugako uko iminsi ihera abona ukuyaga Imana muriwe kugenda kwaguka muri we kuko ubu amaze kwandika indirimbo nyinshi. Ikandi kandi ni ukwo izo ndirimbo zose zivuga ivy’ubutumwa bwiza bwa Yesu.

Yavuzeko abona ko kuri we hageze ngo yifatikanye n’abandi bakozi b’Imana babwirize abantu bahindukirire Imana, abandi basubizwemwo inguvu ku bijanye n’umurimo w’Imana, nk’uko ijambo ry’Imana rivuga riti: mugende muhindure abantu bo mu makungu yose kuba abigishwa banje. Emy Smith yaboneye akanya ko gutangariza abakunzi biwe ko agiye gukora amasanamu yi’indirimbo ziwe nshasha kandi akaba yizigiye ko bizogenda neza kuko ivyo Imana yamukoreye biruta cane ibisigaye inyuma.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.