Accueil > Amakuru > Mu makungu > Equateur : Abahitanwe na nyamugigima bageze ku 413
Equateur : Abahitanwe na nyamugigima bageze ku 413
mardi 19 Ndamukiza 2016, par
Abategetsi bo muri Equateur bavuga ko abantu n’imiburiburi 413 aribo bamaze kumenyekana ko bahitanywe na nyamugigima yabaye muri ico gihugu mw’ijoro ryo ku wa gatandatu, ibikorwa vy’ukurondera aboba bakiri bazima kikaba kibandanya. Iyo niyo nyamugigima ya mbere ikomeye ibaye muri Equateur kuva mu mwaka wa 1979.
Rafael Correa, umukuru w’igihugu ca Equateur yari mu rugendo mu gihugu c’Ubutariyano igihe iyo nyamugigima yaba, akaba yaciye afata ingingo y’ugutaha mu gihugu ciwe, yongera atanguza ibihe bidasanzwe, anavuga ko icihutirwa ari ukurondera abakiri bazima bagatabarwa.

Icegera c’Umukuru w’igihugu wa Equateur, Jorge Glas, yagendeye agace ka Manta kasinzikaye cane muri iyo nyamugigima, abanyagihugu bakaba bamubwiye ko hakiri abaheze munsi y’inyubakwa zasenyutse.
Muri iyo nyamugigima, abantu baharurwa mu 2500 akaba aribo bamaze kumenyekana ko bakomeretse.
IGIHE
Messages
19 Ndamukiza 2016, 15:23, par augu
Yeeemwe Imana yashavuye kubwicanyi bwacu niburundi tugabe
19 Ndamukiza 2016, 18:13, par INTAGOHEKA
TURAHOJEJE IMIRYANGO YABUZE