IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Equateur : Igitigiri c’abahitanwe na nyamugigima kigeze kuri (...)

Equateur : Igitigiri c’abahitanwe na nyamugigima kigeze kuri 272

lundi 18 Ndamukiza 2016, par egide

Inyuma ya nyamugigima ikomeye yo ku rugero rwa 7.8 (Magnitude) yabaye mw’ijoro ryo ku wa gatandatu mu gihugu ca Equateur. Iyo niyo nyamugigima ya mbere ikomeye ibaye muri Equateur kuva mu mwaka wa 1979. Igitigiri c’abapfuye kimaze gushika ku 272, mu gihe abarenga 1500 bakomeretse.

Ubuyobozi muri ico gihugu buvuga ko ico gitigiri gishobora kwiyongera kuko ibikorwa by’ubutabazi bikibandanya. Gushika ubu, abasirikare ibihumbi 10 n’abaporisi 3500 nibo bamaze kurungikwa mu duce twasinzikaye cane.

Rafael Correa, umukuru w’igihugu ca Equateur yari mu rugendo mu gihugu c’Ubutariyano igihe iyo nyamugigima yaba, akaba yaciye afata ingingo y’ugutaha mu gihugu ciwe, yongera atanguza ibihe bidasanzwe, anavuga ko icihutirwa ari ukurondera abakiri bazima bagatabarwa.

Icegera c’Umukuru w’igihugu wa Equateur, Jorge Glas, yagendeye agace ka Manta kasinzikaye cane muri iyo nyamugigima, abanyagihugu bakaba bamubwiye ko hakiri abaheze munsi y’inyubakwa zasenyutse.

Indege nizo zatwaye abasirikare barungitswe muri utwo tuce twasinzikaye, kuko bitoroshe gushikayo n’imiduga, mu gihe amabarabara yabomaguritse.

Abanyagihugu bacitse kw’icumu bakaba bariko bahabwa imfungurwa hamwe n’ibindi bikoresho vya nkenerwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.