Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Equateur: Hasubiye kwibonekeza Ikinyamugigima ca kabiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Equateur: Hasubiye kwibonekeza Ikinyamugigima ca kabiri

Equateur: Hasubiye kwibonekeza Ikinyamugigima ca kabiri

vendredi 22 Ndamukiza 2016, par Jean De Dieu

Mugihugu ca Equateur hasubiye kwibonekeza Ikinyamugigima cabaye mu nkengera y’igihugu ca Equateur (Equador), mu gihe ata n’indwi imwe yari bwahere ikindi kinyamugigima gihitanye ubuzima bw’abantu amajana atandatu.

Kugeza ubu ntamakuru menshi araboneka inyuma y’ico canyamugigima cari gifise inguvu z’igipimo ca Richter 6.
Vyabaye ngombwa ko abantu bava mu mazu yabo mu kwikingira,Ico canyamugigima cabereye kw’ibahari uvuye ku nkengera mu karere ko hagati mu gihugu ca Equateur, ariko nta gabisha na rimwe ryari ryabaye ko hashobora kuba ikintu na kimwe.
Reta ya Equateur yamenyesheje ku musi wa gatatu ko iriko irarondera imiriyaridi y’amadorare y’Amerika yo gusanura ivyononekaye bivuye kuri canyamugigima ca mbere cabaye ku musi wa gatandatu.

Imwe mu nzira izokoreshwa ni ukwongerezwa kw’amakori vy’agateganyo.
Umukuru w’igihugu Rafael Correa yavuze ko ico kinyamugigima ca mbere catumye hononekara ibintu biciye imiriyaridi zitatu zamafranga y’Amerika.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.