Accueil > Amakuru > Mu makungu > Equateur: Hasubiye kwibonekeza Ikinyamugigima ca kabiri
Equateur: Hasubiye kwibonekeza Ikinyamugigima ca kabiri
vendredi 22 Ndamukiza 2016, par
Mugihugu ca Equateur hasubiye kwibonekeza Ikinyamugigima cabaye mu nkengera y’igihugu ca Equateur (Equador), mu gihe ata n’indwi imwe yari bwahere ikindi kinyamugigima gihitanye ubuzima bw’abantu amajana atandatu.

Kugeza ubu ntamakuru menshi araboneka inyuma y’ico canyamugigima cari gifise inguvu z’igipimo ca Richter 6.
Vyabaye ngombwa ko abantu bava mu mazu yabo mu kwikingira,Ico canyamugigima cabereye kw’ibahari uvuye ku nkengera mu karere ko hagati mu gihugu ca Equateur, ariko nta gabisha na rimwe ryari ryabaye ko hashobora kuba ikintu na kimwe.
Reta ya Equateur yamenyesheje ku musi wa gatatu ko iriko irarondera imiriyaridi y’amadorare y’Amerika yo gusanura ivyononekaye bivuye kuri canyamugigima ca mbere cabaye ku musi wa gatandatu.
Imwe mu nzira izokoreshwa ni ukwongerezwa kw’amakori vy’agateganyo.
Umukuru w’igihugu Rafael Correa yavuze ko ico kinyamugigima ca mbere catumye hononekara ibintu biciye imiriyaridi zitatu zamafranga y’Amerika.
IGIHE
Messages
22 Ndamukiza 2016, 13:54, par gwasa
mpore ndahojeje abanyagihugu baho ariko mumenye ko turi mubi vyiherezo
22 Ndamukiza 2016, 16:07, par Iribuka
Mana tabara abo banyagihugu tugowe amwe,nyamugigima irababangamiye ,natwe abarundi nkurumbi aratumara
22 Ndamukiza 2016, 16:41
BIRABABAJE CANE ARIKO DUSHATSE TWOKMIHANA KUKO TURINGENZI NGAHA KWISI
22 Ndamukiza 2016, 21:10, par MUYAHUDI
NDABAHOJEJ MWES CAN ABABUZ ARIKO TUMENYEKO TURI MUBIH VYANYUMA HANOKWISI TURINGENZI IWAC NIMWIJURU
22 Ndamukiza 2016, 21:11, par MUYAHUDI
NDABAHOJEJ MWES CAN ABABUZ ARIKO TUMENYEKO TURI MUBIH VYANYUMA HANOKWISI TURINGENZI IWAC NIMWIJURU