IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Fortran agiye gushira indirimbo ziwe mu zindi ndimi

Fortran agiye gushira indirimbo ziwe mu zindi ndimi

vendredi 5 Mukakaro 2013

Fortran Bigirimana ni umuririmvyi w’umurundi amaze kumenyekana hano mu gihugu c’Uburundi mbere no mu makungu kubera indirimbo ziwe zihimbaza Imana zagiye zikundwa n’abantu benshi.

Uyu muririmvyi w’umusore yamenyesheje ikinyamakuru IGIHE ko ari mu gushira indirimbo ziwe mu ndimi zindi zo mu mahanga kugira ngo zibashe kwumvikana henshi mw’isi yose. Imbere y’uko abandanya, uyo muririmvyi yabanje kwisigura ku bakunzi biwe yari yabwiyeko azoshira ahabona album yiwe ya kabiri. Ku munsi w’ejo aho azoba ahimbaza umunsi w’amavuko yiwe ( Anniversaire) ntivyamukundiye ku mvo y’uko uwo muhinyanyuzi bitakunze ko ashikiriza urwo rukurikirane rw’indirimbo zose ku gihe.

Yavuze ko iyi album izoba igizwe n’indirimbo 14 kandi akaba yarayikoze ku buryo bwiza cane, haba ukuntu indirimbo zikozwe, ingene ziririmvye n’ingene zicuraranze. Tumubajije igihe azoyishira ahabona urwo rukurikirane yavuzeko ari mu mpera z’ukwezi kwa Myandagaro. Twamubajije kandi ibijanye n’imvo zamuteye kuba ariko ahindura zimwe mu ndirimbo ziwe mbere anakora izindi mu ndimi z’amahanga nk’uko yabidutangarije, avuga ko imvo ntayindi ngo ni uko yagiye abisabwa n’abantu benshi hirya no hino kw’isi, bakunda indirimbo ziwe batumva ico zisobanuye kubera ururimi zirimwo.

Yabivuze muri aya majambo ati” Ndafise intumbero yo kuja nitabira ibiteramo vy’ivugabutumwa hirya no hino kw’isi mu bihugu bikoresha izi ndimi, kandi nkaba naragiye ndabisabwa n’abantu benshi harimwo n’umukunzi wanje nkunda cane yitwa Sophie Derain ari mu gihugu c’Ubufaransa. Aheruka kandi mw’ivugabutumwa mu gihugu ca Senegal, indirimbo ziwe bakaba barazikunze cane banamusaba ko yobashirira izo ndirimbo mu rurimi bumva. Izo nizo mvo zatumye inyuma gatoyi yo gushira ku mugaragaro urukurikirane rwiwe isanzwe azoca asohora n’urundi rukurikirane mu rurimi rw igifaransa kuko zimwe mu ndirimbo yaramaze kuzikora. Kandi ngo ntibivuze ko ari indirimbo zose azohindura, kuko hari izo yakoze atigeze ndirimba mu kirundi canke mu giswahiri.

Mu kurangiza ikinyamakuru ca IGIHE tukaba twipfurije uwo muririmvyi kuzogira umunsi mukuru mwiza wo guhimbaza amavuko yiwe, aho ejo azoba akwije imyaka 24 y’amavuko.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.