IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Fortran arashima uko bakorana n’umukunzi wiwe Sophie Derain

Fortran arashima uko bakorana n’umukunzi wiwe Sophie Derain

jeudi 12 Nyakanga 2013

Fortran Bigirimana umuririmvyi w’umurundi aririmba indirimbo z’Imana afise umwigeme bakundana yitwa Sophie Derain ashima ukuntu bariko barakorana mu bikorwa vy’Imana. Vyongeye Fortran ntahishako amufiseko umugambi wo kwubakana na we.

JPEG - 19.4 ko
Bigirimana Fortran mu giteramo

Mu giteramo Fortran Bigirimana yaremesheje ku munsi w’imana iheze, afadikanije n’umurwi wa The Worshipers, yaravuzeko ashimishwa n’ukuba n’ukuntu Sophie Derain amuba hafi igihe cose. Yamenyesheje ko mu myiteguro y’ico giramo, Sophie yamubaye hafi cane. Aho naho uwo mukunzi wa Fortran yarahejeje kuririmba indirimbo yitwa « The help ». Sophie akaba asanzwe ari umwe mu baririmvyi b’umurwi wa The Worshipers.

JPEG - 63.5 ko
Sophie Derain ariko aririmba "The help" mu giteramo ca Fortran Bigirimana na The Worshipers

Inyuma y’ururirimbo “The help”, Fortran ati: “Jewe n’inzu yanje tuzakorera Imana”. Aho akaba yaragomvye kuvuga yifadikanije n’umukunzi wiwe Sophie mu gikorwa co kuririmba no gutazira Imana. Fortran yabandanije amenyeshako yumva aryohewe cane kubona uyu mukunzi wiwe amuba impande mubikorwa vy’Imana kuko bica bimwongereza ivyizigiro vy’intumbero ikomeye afise mu gukorera Imana kuko yumva ko azoba afise umufasha akijijwe kandi nawe akunda umurimo wo kuririmbira Imana.

JPEG - 57.3 ko
Fortran Bigirimana kumwe na Sophie Derain

Fortran abajijwe aco ategakanya ku bijanye n’urubanza rwo kubana n’uyu mukunzi wiwe yishuye ati: “Ubu ntaco nobivugako,ariko ico nemeza nuko mu minsi ya vuba nzoba ntanguye ibijanye n’urubanza kandi nzabivuga sinzabihisha kuko nzobimenyesha n’abakunzi banje” . Mwomenya ko Sophie Derain ari umufaransakazi.


SENGUREBE Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.