IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > France:Umuriro wadutse mu nzu uhitana abantu 8 bapfuye na 4 (...)

France:Umuriro wadutse mu nzu uhitana abantu 8 bapfuye na 4 bakomeretse

mercredi 2 Nyakanga 2015

Abantu umunani harimwo abana babiri nibo bitavye Imana,abandi bane barakomereka bahitanywe n’umuriro wadutse mu nzu iri mu buraruko bw’umurwa mukuru w’Ubufaransa i Paris.

Uwarokotse yari asanzwe aba muri iyo nyubakwa yavuze ko uwo muriro watanguye kwaka nk’igihe c’isaha icumi n’igice z’igitondo mu masaha yo mu Bufaransa,aho yumva urwamo rw’abana n’abavyeyi babo bagerageza gusohoka ngo bahunge.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Bernard Cazeneuve yishikiye muri ico kibanza,yavuze ko hakiri kare kugira batangaze ico uwo muriro waba wavuyeko.
Igikorwa co gutohoza kiri mu minwe y’igipolisi kijejwe ubutungane.

Umukuru w’igisagara ca Paris, Anne Hidalgo, yavuze ko izindi nzu z’uburaro 15 zashikiriwe n’ingaruka zivuye kuri uwo muriro.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.