IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > France: Umushikiranganji w’ubutungane yatanze imihoho

France: Umushikiranganji w’ubutungane yatanze imihoho

mercredi 27 Nzero 2016

Umushikiranganji w’ubutungane mu gihugu c’Ubufaransa Christiane Taubira, yatanze imihoho, imbere y’umwanya muto abashingamateka bige itegeko ryo kwaka ubwenegihugu abagiriwe n’icaha c’iterabwoba.

Amakuru ava mu gihugu c’Ubufaransa avuga ko Taubira Christiane yatanze imihoho kubera kwanka iyo nteguro y’itegeko.

Iryo tegeko ryaje inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyabaye kw’igenekerezo rya 13 ukwezi kw’icenda mu bice bimwe vy’umurwa mukuru w’Ubufaransa Paris,aho abantu 130 bishwe.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Christiane Taubira yavuze ko, rimwe rimwe kubandanya kwanka ibintu atari agasuzuguro, ariko kandi mu kindi gihe, kwanka bisigura kugenda.

Ikibanza co kurongora ubushikiranganji bw’ubutungane ca Christiane Taubira caciye gifatwa na Jean Jacques Urvoas


IGIHE

Messages

  • Ubu fransa burakwiye kujamubiganiro kandi bikabera hanze yigihugu atanakimwe burinzegusaba.

  • Kwaka ubwenegihugu umuntu wabuhaye ni uguhonyanga agateka kazina muntu. Kandi kubona abatere ubufaransa bica abantu barenga amajana abiri kumusi umwe iryo ni ihonyabwoko igihugu kigirira abanyagihugu baco. Turasavye ubufaransa bwemere ibiganiro bihuza leta nabayigwanya bizobera hanze yigihugu. muri icogihe u Burundi bwabaye rurangiranwa mugucungera amahoro kw"isi bwoba buritegura kuja kugarura umutekano mubufaransa. kuko biribonekeza ko leta ifise uruhara mubantu birirwa baricwa bakabeshera abihevyi.

  • vyobera muburundi kandi bigahagarikirwa numuhuza wumurundi. canke vyanse turungikeyo inteko!

  • none? ndagushigikiye kimwe nibabe baraharana kuko hoho mbona bitoroshe umwavako uwundatarukirako izobazita itwaro zamagaburanyama.com
    twe uburundi turikwije

  • Bagomba Batangure Kubadodobereza Abatavuka Aho Mu Bufraransa Hama Babasubize Africa Mu Muriro Utazima Ndagukeje Uri Umugabo

  • nagirango biri muri africa gusa none no mubazungu biriyo nihabe ibiganiro hemezwe reta mfatakibanza ndumva hollande vyamunaniye kandi bibere inyuma y’igihugu

  • HAHAHAHA.DEMOKARASI AHO HANTU YARATEYE IMBERE SI GUSA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.