Geneve : Abanyagihugu bafise ubwoba ku bitero vy’abihevyi

Yanditswe na Van Naris Mugisha
Kuya 11 décembre 2015 saa 09:12
Yasomwe : 18288
0 0

Igisagara ca Geneve mu gihugu c’Ubuswise kiracunzwe bikomeye kuva kuri uno wa kane igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.
Inyuma y’uko hari amakuru avuzwe ko igisagara ca Geneve gishobora guterwa n’intagondwa z’abaislam,kwinjira no gutembera mu gisagara ca Geneve ntivyoroshe kuko imodoka n’abantu bibanza kugenzurwa neza.
Mu gisagara ca Geneve hibonekeza kandi abapolisi benshi bafise ibirwanisho bikomeye na cane cane ahakorera ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Kuri uno wa kane, ibiro vy’ishirahamwe (...)

Kuri uno wa kane, ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyari vyimuwe mu ntumbero yo kugira bagenzure neza abantu n’ibintu biri muri ico kibanza.

Kumenyekanisha

1
aline 17-12-2015 à 09:36

Bacanyemwo

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha