IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > HCR:Igitigiri c’impunzi cariyongereye ku rugero rutari bwaboneke (...)

HCR:Igitigiri c’impunzi cariyongereye ku rugero rutari bwaboneke kw’isi

vendredi 19 Ruheshi 2015

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi kimenyesha ko,isi yashitse ku gitigiri c’impunzi imiliyoni 60, kitari bwigere kiboneka.

Nkuko biri mu cegeranyo cashizwe ahabona n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR kuwa kane igenekerezo rya 18 Ruheshi,intambara,indyane n’ubwicanyi,nivyo bituma hari igitigiri kinini c’abantu barondera ubuhungiro ,n’ahoba amahoro.

Icegeranyo caheruka kuja ahabona c’ishirahamwe HCR cerekanye ko mu mpera z’umwaka w’2014,abantu imiriyoni 59,9 aribo barondera ubuhungiro,mu gihe mu mwaka w’2013 abantu imiliyoni 51,2 aribo barondera ubuhungiro.

Ico cegeranyo, cerekana cegerana ko ibitigi vy’impunzi vyatanguye kuduga kuva mu ntango z’umwaka w’2011,kuva hatanguye intambara mu gihugu ca Siriya,aho abantu bava mu miryango yabo bahunga bari ku rugero rutari bwaboneke kw’isi.

Muri ico cegeranyo,ishirahamwe HCR rivuga ko mu mwaka w’2014, abantu bababa 42500 aribo babaye impunzi,basavye ubuhungiro canke bahungiye mu bihugu basanzwe babamwo,ni ukuvuga incuro zine bafatiye uko ibintu vyari vyifashe haraheze imyaka ine.

Umuntu umwe ku bantu 122 ni impunzi kw’isi,canke uwusaba ubuhungiro hanze canke mu gihugu asanzwe abamwo.

Komiseri ajejwe ikibazo c’impunzi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres,avuga ko ishirahamwe akorera ari icabona c’ibiriko biraba,aho abantu bava mu bihugu vyabo bahunga ku rugero rutari bwaboneke kw’isi.

Antonio Guterres,akavuga ko ari ibintu biteye ubwoba, kubona hari ukudahanwa kw’abakora amabi atuma abantu bahunga ku ruhande rumwe,ku rundi ruhande ugasanga amakungu ntashobora gukora kugira ahagarike intambara,mu ntumbero yo gutuma haba amahoro.

Mwomenya ko igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu kw’isi biriko bivamwo impunzi nyinshi,muri uno mwaka.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.