HCR : Umwaka w’2015 waranzwe n’igitigiri kinini c’impunzi

Yanditswe na Van Naris Mugisha
Kuya 19 décembre 2015 saa 09:05
Yasomwe : 10521
0 0

Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR rimenyesha ko umwaka w’2015 waranzwe n’igitigiri kinini c’impunzi n’abata ingo zabo mw’isi.
Mu cegeranyo c’ishirahamwe HCR casohotse kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 18 Kigarama 2015,HCR imenyesha ko abantu barenga imiriyoni 60 kw’isi bataye izabo,umuntu umwe ku bantu 122 bava mu ngo zabo.
Muri ico cegeranyo,ishirahamwe ryitaho impunzi HCR rivuga ko turetse kuva mu bihugu babamwo,amahirwe ku bahunga ibihugu vyabo yo gusubirayo atari menshi haraheze imyaka (...)

Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR rimenyesha ko umwaka w’2015 waranzwe n’igitigiri kinini c’impunzi n’abata ingo zabo mw’isi.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe HCR casohotse kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 18 Kigarama 2015,HCR imenyesha ko abantu barenga imiriyoni 60 kw’isi bataye izabo,umuntu umwe ku bantu 122 bava mu ngo zabo.

Muri ico cegeranyo,ishirahamwe ryitaho impunzi HCR rivuga ko turetse kuva mu bihugu babamwo,amahirwe ku bahunga ibihugu vyabo yo gusubirayo atari menshi haraheze imyaka 30.

Mu gice ca mbere c’umwaka w’2015,HCR yasanze n’imiburiburi amantu imiriyoni 5 barahunze ibihugu vyabo,abandi bahungira mu bihugu vyabo nyene.Ibihugu bibangamiwe cane ni Yemen,Ukraine na Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Naho biri ukwo,ishirahamwe HCR rimenyesha ko umwaka w’2015 waranzwe n’ubwitange budasanzwe bw’ibihugu vyakiriye impunzi.


Kumenyekanisha

1
Nimubona Elysée 19-12-2015 à 20:40

abarundi n’abarundikazi turashima akigoro iryoshirahamwe rigira mukwakira impunzi .imana iyihezagire.tusabe izogumane akokigoro kokwakira impunzi nacanecane kukigoro igira mukwakira impunzi zabarundi.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha