IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Hillary Clinton abona ko Donald Trump ashobora kujana Amerika mu (...)

Hillary Clinton abona ko Donald Trump ashobora kujana Amerika mu ngwano

vendredi 3 Ruheshi 2016, par egide

Hillary Clinton, Umukandida w’Umudemokarate ari imbere mu mugambwe wiwe, yamenyesheje ko umu republicain bahiganwa, ariwe Donald Trump, ari umuntu ashobora gutera ibibazo, kandi adafise ibisabwa kugira abe umukuru w’igihugu.

Ivyo Hillary Clinton yabitangaje mw’ijambo yashikirije, kuri uwu wa kane, asigura kuri politike yiwe yo mu mahanga, akaba yari mu gisagara ca San Diego, muri Reta ya Californiya. Muri iryo jambo ryiwe, Hillary Clinton yashimikiye ku kungene amenyereye amabanga ya Reta, mu kuvuga ko amaze kuba umupfasoni w’umukuru w’igihugu, aba umukenguzamateka, aba umushikanganji ajejwe imigenderanire.
Hilary Clinton yavuze ko mu gihe yotorwa, azokoresha ubuhinga afise bwofasha muvyo igihugu gikeneye, haba mu vyerekeye umutekano, canke imigenderanaire.

JPEG - 113.3 ko
Hillary Clinton, Umukandida w’Umudemokarate ari imbere mu mugambwe wiwe

Hillary Clinton amenyesha ariko ko ukuntu Donald Trump yigenza bitabereye ko ahabwa amabanga y’umukuru w’igihugu asaba ubumenyi hamwe n’ubwitonzi bukomeye.

Kubwa Hillary Clinton, Donald Trump ntiyumva Amerika canke amakungu, Clinton akagira amakenga ko Trump ashobora kujana Amerika mu ngwano, mu gihe hoba hari uwuvuze ivyo adashaka kwumva.

Imbere y’uko Hillary Clinton ashikiriza ijambo ryiwe kuri poritike yiwe yo mu mahanga, Donald Trumpa yarakoresheje amajambo akomeye cane, kuri Hillary Clinton, mu kuvuga ko ari umuntu adashobora kwizigirwa.

JPEG - 165 ko
Donald Trump, umu republicain

IGIHE

Messages

  • Iyo Hillay Cliton yigamba ngwarabise ivyoyaranguye nkajewe muny’Africa ncanshishwa , umva abanyarwanda 94 batikiye atarumuhore wimukuru wigihugu? Aba Congoman gurtyo nabandi nabandi. Nareke Trump atware igihugu icarumye abanyagihugu bamwizera nibobakizi.

  • Clinton should be the best of president.He knows more from America.please think of it.

  • NUYUMUGORE NAWENYENE ARIMURITWAMUJERI COKIMWE NAKAOBAMA ARIKO AMENYEKO HEJURUYAVYOSE NIMANA

  • NUYUMUGORE NAWENYENE ARIMURITWAMUJERI COKIMWE NAKAOBAMA ARIKO AMENYEKO HEJURUYAVYOSE NIMANA

  • Hakuna tumaini kwa Trump,Hillary Clinton ndie anawafaa Wamarekani na Dunia hiyo nchi yapaswa kuongozwa na mtu mstaarabu asiidumbukize dunia ktk matatizo na wamarekani wanajua unadhani ni kama nchi zenu hizo kila wakati wakagame wenu wanawaza kuipiga Congo na Burundi kwa sababu ya ukabila wao?Subiri uone mpango mzima ni Hillary!

  • Hakuna tumaini kwa Trump,Hillary Clinton ndie anawafaa Wamarekani na Dunia hiyo nchi yapaswa kuongozwa na mtu mstaarabu asiidumbukize dunia ktk matatizo na wamarekani wanajua unadhani ni kama nchi zenu hizo kila wakati wakagame wenu wanawaza kuipiga Congo na Burundi kwa sababu ya ukabila wao?Subiri uone mpango mzima ni Hillary!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.