IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Hillary Clinton yakwije igitigiri c’amajwi y’abaserukira abandi (...)

Hillary Clinton yakwije igitigiri c’amajwi y’abaserukira abandi bamushigikiye

mardi 7 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Hillary Clinton yakwije igitigiri c’abaserukira abandi, akaba yabishitseko kubera abo bita aba ’superdelegates’ 571 bafise uburenganzira bwo gushigikira uwo bashatse, bataravye umugambwe aturukamwo.

Ikigo c’itangazamakuru Associated Press mu biharuro vyaco, kimenyesha ko Hillary Clinton aca akwiza abaserukira abandi 2,383 akeneye kugirango yizigire gutorwa.

JPEG - 27 ko
Hillary Clinton

Ivyo biharuro bije mu gihe kuri uwu wa kabiri, abiyamamriza ikibanza c’umukuru w’igihugu baja guhiganwa muma Reta atandatu arimwo California.

Hillary Clinton avuga ko n’aho abona ko ariko arabaho ibihe vy’intibagiranwa mu mateka yiwe, arafise ikivi imbere yiwe.

Uwo bahiganwa mu mugambwe w’aba ’Democrates’, Bernie Sanders, yavuze ko bitari bikwiye guharura amajwi y’abo bita aba Surperdelegates, imbere y’uko baha amajwi yabo Hillary Clinton bakerekana ko bamushigikiye, mu matora yo mu kwezi kuza.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.