Accueil > Amakuru > Mu makungu > Hillary Clinton yakwije igitigiri c’amajwi y’abaserukira abandi (...)
Hillary Clinton yakwije igitigiri c’amajwi y’abaserukira abandi bamushigikiye
mardi 7 Ruheshi 2016, par
Hillary Clinton yakwije igitigiri c’abaserukira abandi, akaba yabishitseko kubera abo bita aba ’superdelegates’ 571 bafise uburenganzira bwo gushigikira uwo bashatse, bataravye umugambwe aturukamwo.
Ikigo c’itangazamakuru Associated Press mu biharuro vyaco, kimenyesha ko Hillary Clinton aca akwiza abaserukira abandi 2,383 akeneye kugirango yizigire gutorwa.
- Hillary Clinton
Ivyo biharuro bije mu gihe kuri uwu wa kabiri, abiyamamriza ikibanza c’umukuru w’igihugu baja guhiganwa muma Reta atandatu arimwo California.
Hillary Clinton avuga ko n’aho abona ko ariko arabaho ibihe vy’intibagiranwa mu mateka yiwe, arafise ikivi imbere yiwe.
Uwo bahiganwa mu mugambwe w’aba ’Democrates’, Bernie Sanders, yavuze ko bitari bikwiye guharura amajwi y’abo bita aba Surperdelegates, imbere y’uko baha amajwi yabo Hillary Clinton bakerekana ko bamushigikiye, mu matora yo mu kwezi kuza.
IGIHE