IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > HRW isaba amatohoza yihuta kandi yigenga ku bibera mu Burundi

HRW isaba amatohoza yihuta kandi yigenga ku bibera mu Burundi

dimanche 13 Kigarama 2015

Ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu Human Right Watch risaba amatohoza yihuta kandi yigenga ku bwicanyi bwabaye mu Burundi kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015,inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi y’abasirikare ari mu gisagara ca Bujumbura.

Carina Tertsakian umushakashatsi muri Human Right Watch yabwiye iradiyo y’abafaransa RFI kuri uno w’Imana igenekerezo rya 13 Kigarama 2015, ko ivyabaye mu gisagara ca Bujumbura,ari irya mbere vyabaye kuva mu kwezi kwa kane kw’umwaka w’2015,kuko hakozwe amabi menshi kandi haba n’ababiguyemwo benshi.

Carina Tertsakian yavuze ko mu gihe ubutungane bw’Uburundi burangwa n’ibiturire kandi bugakoreshwa n’abanyapolitike,hakwiye kuza abahinga bavuye mu makungu kugira amatohoza yihuta kandi yigenga.

Ishirahamwe Human Right Watch ryavuze ko ababa mu bice vyabereyemwo ubwicanyi bemeje ko abapolisi n’abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi bakuye ibiziga kandi amatohoza ataraba,aho mbere bankira abanyagihugu kwegera aho ivyo biziga biri.

Carina Tertsakian yavuze ko biboneka ko utwigoro two kumenya ukuri ku vyabaye kuriko kuburizwamwo n’igipolisi hamwe n’abarongozi ku rwego rwo hasi,ivyo navyo bikerekana ugufata minenerwe ivyabaye bikorwa n’abarongozi.

Carina Tertsakian yavuze ko abarongozi mu gihugu bamye berekana ko umutekano ari wose,mu gihe ibiziga bitorwa mu mabarabara uko umunsi utashe,kandi ibiharuro bikabandanya kwiyongera. Amakuru atangwa na Human Right Watch akamenyesha ko abantu bashika ijana aribo boba barahitanywe n’ico gitero.

Hagati aho,Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye abanyagihugu bava muri ico gihugu kuva mu Burundi,abari muri Retav Zunze Ubumwe za Amerika nabo bakareka kwinjira mu gihugu c’Uburundi.

Van Naris Mugisha

Messages

  • HRW birunvikana ko irimo gukorana numwanzi wuburundi reta yiyame yivu ye inyuma HRW nibo birirwa babagambanira muri UN

  • Jewe ndafise akabazo kamwegusa: kuberiki Amerika iyibonye abicanyi bateye mu Burundi abajejwe umutekano bakabarwanya abicanyi bakaneshwa kwica ishavura nukubera iki?

  • ikibazo cuburundi vram kiremereye gusumba uburemere bwumusozi wa kirimanjaro. uti gute?

    Cnared ishigikiwe nibihugu bitinyitse kwisi bimwe twita ibihugu rutura.

    Cdd fdd nayonyene ifise ibihugu bitinyitse kwisi ari bimwe twita ibihugu rutura vyokwisi.

    Cnared itabawe Cdd igatabagwa. mwebwe mubona atazoba ari intambara. yisi yose

    rero rekakwidogerango umakungu amakungu. natabare kukibazo gishobora gukwegera akarere kafrica eka nisi yose. ntakintu nakimwe kibera ngaho iburundi amakungu. atamenya

    twebwe abarundi nyene tutihanduye invunja ntitwitege amaku ko aryo azoza. kuziduhandura kuko ntamunyamahanga azoza akunda uburundi gusumba umurundi.

    abazungu bazobafasha binyegeje muzababona ariko kumugaragaro ntimuZobabona nabo bafise ico bubaha.

    uburundi ni igihungu. cigenga gifise. inzego zose kikagira nimbi we rero kukivogera ntivyoroshe.

    kimwegusa. abantu twishakira amahoro nimuduhe amahoro muzobabmukoze.

  • Urumva ako gasuzuguro k’abazungu ngo ubutungane bwacu ngo ntibwoshobora kugira amatohoza ni nayo mpamvu mwari mwabwiye abantu baje mu mabarabara kwanka ingingo y’ubutungane ivyo ko mutabikora iwanyu

    Hanyuma ngo hapfuye abantu mu
    nyakabiga kandi ata kambi ihari muribuka ku wa gatanu RPA ivuga ko igipolisi catsinzwe n’abarwanyi ngo police yataye iromoka ngo namasase yabaheranye abo mwavuga bari abaki simwe mwavuga ko ari azbarwanyi ubu rero muraronse ivyo muvuga
    Iyo bumenya umwe bwari ikindi kandi amase ya kera ntagihoma urutaro nimwibandanirize mudandaza imivyimba yabapfuye ndazi ko genocide ariyo business yanyu murirako

  • ikibazo cuburundi vram kiremereye gusumba uburemere bwumusozi wa kirimanjaro. uti gute?

    Cnared ishigikiwe nibihugu bitinyitse kwisi bimwe twita ibihugu rutura.

    Cdd fdd nayonyene ifise ibihugu bitinyitse kwisi ari bimwe twita ibihugu rutura vyokwisi.

    Cnared itabawe Cdd igatabagwa. mwebwe mubona atazoba ari intambara. yisi yose

    rero rekakwidogerango umakungu amakungu. natabare kukibazo gishobora gukwegera akarere kafrica eka nisi yose. ntakintu nakimwe kibera ngaho iburundi amakungu. atamenya

    twebwe abarundi nyene tutihanduye invunja ntitwitege amaku ko aryo azoza. kuziduhandura kuko ntamunyamahanga azoza akunda uburundi gusumba umurundi.

    abazungu bazobafasha binyegeje muzababona ariko kumugaragaro ntimuZobabona nabo bafise ico bubaha.

    uburundi ni igihungu. cigenga gifise. inzego zose kikagira nimbi we rero kukivogera ntivyoroshe.

    kimwegusa. abantu twishakira amahoro nimuduhe amahoro muzobabmukoze.

  • Umve Ukovyagenze Egomebaratwe Nabobacabaronka Ahobikika Mukwica Abobatavtgarumwe Abafunganabandi Bamwebaribarkuwe Mugasho Nareta Bobohasigaye 1 %

  • Twarivunnye!Ivyanyu Biratanguye Guhinyuka!Banza Muturonderere Ababatumye Mubatuzanre!Imana Iracahagarariye Uburundi N’ababubamwo!Ivyo Mutegura Vyose Biburizwamwo!Mana Yacu,komeza Gukingira Igihugu Cacu!

  • Human Right Watch murantwengeje mbega ko hapfa umututsi umwe mugakoma induru kandi arimwebwe mubashora kurisongoye.I ngabo zAcu numukuru wigihugu cacu nyenicubahiro Potter nkurunziza.bahagaze neza ubu sikimwe na 72canke93 igihetwabaye
    IMPUNZI CARAKWIYE.

  • MUBURUNDI IBIRIKO BIHABERA BIRATEYE ISONI, NONEHO NTIBUCITWA UBURUNDI, BUSIGAYE BWITWA SODOMU, BWARUBUNDI KERA BUKIRARWA MWABASHINGANTAHE. IVYO VYABAZA GUTOHOZA NABO NIBABARUNGIKE, KUKO IBIRIKO BIRABERA MUGIHUGU NTAMURUNDI YOBISHOBORA KUKO BACUMUGANI MUKIRUNDI NGO NTA WIMENA IGIHUTE, IGITURIRE CARAMAZE KUBATWARA UKURI.

  • BURYA IMANA ICOYAVUZE NTIKIZOSIBA.ABARWANIJE IVYAVUGISHIJWE MWOSHOBORA GUTANGA ISIGURO YIBIRIKO BIRABA? TUBANJE KWIHOZA IVYOTWEMERA KWIJAMBO IMANA YATUMYE KUBURIR,ABURUNDI?

  • Imana Irind Uburund Na Barund

  • Ubutungane Muburundi Burikwije Kand Bufise Uburambe.Ubwo HRW Iraz Imanza Zimaz Gucibwa Hamwe Namatohoza Amaz Gukorwa Kubijanye Nabater Uburund?Ico Bomenya Co Nuk Tumaze Kumenya Ko Nab Basaba Amatohoza Bameze Nkumwigisha Abaza Ivyazi.Nibarke Rer Tuvyimarir Nakar Ibiberey Kumugezi Biherera Kumugez Nyene.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.