IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > I New York muri Reta zunz’ubumwe za Amerika, habonetse umurwayi wa mbere wa (...)

I New York muri Reta zunz’ubumwe za Amerika, habonetse umurwayi wa mbere wa Ebola

vendredi 24 Gitugutu 2014

Umuganga w,Umunyamerika, Craig Spencer, w’imyaka 33, aje ava mu gihugu ca Guinée kuvura abarwayi ba Ebola, yagiye kwivuza ku bitaro Bellevue vy’i News Yorks kur’uyu wa 24 Gitugutu, afis’ubushuhe bwinshi cane yiketsweko ingwara ya Ebola. Kukaba nkako, ibipimo vyo kwamuganga vyemeje ko ayigwaye.

Nk’uko vyandikwa n’ibinyamakuru bibiri vyo mu gihugu c’Ubufaransa Le Parisien.fr na AFP, imbere ko wenyene yikeka ko afise ibimenyetso vya Ebola, uwo muganga w’umunyamerika yaramaze gufata amatereni (métros) atatu atandukanye. Ngo akaba ariwe muntu wa mbere abonetse ko agwaye Ebola ku murwa mukuru w’igihugu ca Reta Zunzubumwe za Amerika. Kur’uyu wa 24 Gitututu, abategetsi bo mur’ico gihugu bariko barageregeza guhumuriza abanyagihugu, na cane cane abantu boba barabonanye n’uwo muganga mur’iyi minsi. Kubwa Bill de Blasio, umukuru w’igisagara ca New York, ngo ikiza ca Ebola « ntigipfa gufata abantu ubwo nyene. »

Ariko abantu benshi bo murico gisagara bakaguma bibaza igituma uwo muganga yagumye atembera cane mur’iyi minsi ibiri iheze kandi abona ko ashobora kuba agendana ikiza ca Ebola. Kurabo bibaza ko Craig Spencer yabifashe minenegwe, ishirahamwe ry’abaganga batagirimbibe, Médecins sans Frontières (MSF), ryo siko ribibona. Kubwaryo, uwo muganga yatanguye kwumva ubushuhe kur’uyu wa kane ku mugoroba kandi yaciye abimenyesha MSF ubwo nyene. Umwigeme akundana na Craig Spencer n’abagenzi b’iwe babiri bateramanye ejo, nabo nyene bashize mu gitigiri c’abikekwako iyo ngwara ya Ebola, kuko bajanye gukina urukino rwitwa bowling, ahitwa Brooklyn.

Igihugu ca Guinée uwo muganga avuyemwo, kiri muri bitatu, n’ukuvuga hamwe na Liberia na Sierra Leone, vyasinzikajwe cane n’ikiza ca Ebola, hakaba hamaze kwitab’Imana abantu bagera ku 4 877, ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu OMS.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.