IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Icegeranyo c’ibikorwa vy’ikigo c’abafaransa kiraha ikibanza gikwiye umunsi (...)

Icegeranyo c’ibikorwa vy’ikigo c’abafaransa kiraha ikibanza gikwiye umunsi mukuru w’abagore

jeudi 27 Ruhuhuma 2014

Ibiringo bikuru bikuru bibiri n’ivyo biza imbere y’ibindi mu bikorwa bigiye gukorwa n’ikigo c’abafaransa. Ivyo vyavugiwe mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, aho hashizwe ahabona ibikorwa vy’ico kigo muri aya mezi abiri buca akwirikira.

Ibikorwa nyamukuru biri ku rutonde rw’ibizokorwa n’ikigo c’abafaransa IFB mu mezi ya Ntwarante na Ndamukiza 2014 vyashizwe ahabona mu kiganiro catanzwe ku bamenyeshamakuru. Igikorwa ca mbere kijanye n’umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi uzoba kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014.

Guhera kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante gushika kuri 29 uko kwezi nyene, hazokwerekanwa ireresi izoba ije iva mu kigo c’abafaransa kiri i Dar-es Salama muri Tanzaniya. Iyo reresi yitwa " Femmes en Résistance", izoca mu Burundi ariko izozunguruka mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko. Muri iyo ndwi izoba yahariwe umukenyezi, hazoba ibiganiro, hazokwerekanwa n’amareresi hanini avuga ku gateka k’abakenyezi, nko kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2014, hazoba guhanahana ivyiyumviro ku murundikazi nk’umukuru mu rugo " Femmes chefs de ménage au Burundi".

Mu gihe hazohimbazwa indwi yahariwe ururimi rw’igifaransa yateguwe n’Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bw’Uburundi, hazohabwa umwanya imirwi itandukanye y’urwaruka rw’Abarundi rw’imboneza. Hazoba ari kuva kw’igenekerezo rya 15 gushika kurya 23 Ntwarante 2014.

Ukwezi kwa Ntwarante kuzosozerwa n’ihiganwa ry’abaririmvyi ryateguwe na "Iwacu Vision Company" hamwe n’ibiteramo 2, bizokorwa n’umuririmvyi w’umufaransa Franco n’umukongomani Biso, aho bazoba bibuka umuririmvyi Luamba Franco wo muri Congo.

Mu kwezi kwa Ndamukiza kuzotanguzwa n’igiteramo c’umurwi Moutcho, umurwi ugizwe n’imisore itatu ivuza umudiho wa Jazz na Rock hazoba ari kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2014. Hazokwirikira kwerekana no kuvuga ubuzima n’ibikorwa vy’umwanditsi w’Umufaransa Albert Camus. Kuri uwo mwanditsi, hategekanywa ibiganiro 3 kugira bigire hamwe uwariwe n’ibikorwa vyiwe. Inyuma hazokinwa ireresi yitwa "Les Fourberies de Scapin" izokinwa n’abanyeshure bo kw’ishure rikuru rya Mutima Mweranda. Ivyo vyose vyavuzwe na Aime Joël Nimubona inyuma y’ikiganiro ku bamenyeshamakuru catanzwe n’uwurongoye ikigo c’Abafaransa mu Burundi.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.