IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ICG imenyesha ko ubwicanyi bubandanya kwiyongera mu Burundi

ICG imenyesha ko ubwicanyi bubandanya kwiyongera mu Burundi

jeudi 10 Nyakanga 2015

Ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu International Crisis Groupe,riratera ivyatsi ubwicanyi bumaze iminsi bwibonekeza mu Burundi,bikerekana ko amabi atera arwira mu Burundi.

Inyuma y’urupfu rwa Patrice Gahungu umuvugizi w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA kuwa mbere igenekerezo rya 7 Nyakanga 2015,International Crisis Groupe imenyesha ko ubwicanyi buriko buba mu Burundi busa n’urukino hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo.

Ribicishije ku mukuru waryo Thierry VIRCOULON,International Crisis Group imenyesha ko ,hari ukurondera hakoreshejwe inguvu zirengeje abitavye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,yatanguye kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015.

Kubwa International Crisis Groupe ibiganiro si ikintu cihutirwa gusa,ariko ni igitegerezwa gukorwa kugira hagaruke amahoro mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Ariko urareba neza ivyuriko uravuga ntubenawe uriko urenyegeza umuriro! Wobtemezaguteko abamaze imisi batera ibitero mubanyagihugu nokubajejwe umutekano baribariko aribobariko barakoresha inguvu mukurondera abakoze imyigaragamvyo yokwiyamiriza umukuru wigihugu? Rekandakwibutse ivyahafi kwigenekerezo rya 8/9/15 barateye kubasirikare bigihugu muri Kanyosha bakomeretsa abasirikare 3 bigihugu ugombakumbarirako baryabasirikare batewe kungivu yukobabahorako biyamirije kwitoza kwumukuru w’igihugu!? Bamureka gukinata kubantunkamwe ngomurinivyo muvuga uyumusi uriko uradambikiraniriza uburundi nabarundi ejonivyagushikira nihuzobona ukuntu bibabaza.

  • ibiganiro muburundi siwo muti umuti nuko dutikurana uwupfa agapfa nayo uwukira akazobara inkuru hazoca haba amahoro arama kuko igitangaje igihe twagwana muntambara iheze umuntu nka sinduhije yaragira inka za bikomagu ariko biratangaje unomusi ashira abantu mwibarabara ngo arashaka kuba president wuburundi? ewe burundi nawe waragowe.

  • jeweniyumvirako.imyiyekono.ihezendiyumvirako.ubwicanyibwohera

  • Ndashaka kwibariza Nyangoma, mbekwejo abomokorana baduswayemwo mukuduhamagara batubwirango nidutange intererano tutiziganya ngokuko ivyotwabasaba vyuko mwotanguza intambara mu Burundi ngomwanaze kuyitanguza muri Kanyosha muri Bujumbura none kwimisi 2 iheze mutanguye tukaba twaravyumvise komwahateye kuya 08/09/2015 nonemwiyimisibiri iheze mwobamumaze nkogufata Kanyosha yose canke mumaze kuyifatako ibicebimwevyayo? Banye politique ayamahera turikoturabaha muvugango murinivyomugombakudukorera mutabikoze murahasiga agatwe kandi ntimugire ngotuzogumatuyaranga ngobishike mumwaka 2 mubonako namajamboyanyu mugumamuzana burimusi ngoturiko turemeza amakungu ahagarike gukorana nu Burundi ngwivyorero mudatanze amahera ntavyotwokora.

  • Zamuravugishukuri nihomuzoba mufashije abarundi, ndavugako ntamuntu ahirwa ngonuko yigeze kwiyamiriza kwitoza kwa president Nkurunziza, iconzi hariho abahagaritse kwigaragamvya bacabafata ibiryanisho abonibo truriko rurahigana nabajejwe umutekano, nabonyene barababwiyeko uwohitamwo akabishikiriza abajejwe umutekano kwabobocababa abere, none iryojambo mwarikuyehe ngwabigaragambije ngobaronderwa kunguvu!?.

  • Imana yonyene niyo izokwikorera,muburundi nigihugu cuzuzeyemwo abagabo bijambo ariko kuki kitagira amahoro

  • Leta yokoraimibonano n’abatavuga rumwe nayo kugirango amahoro aboneke

  • Uburundi Babuhinduye Nkumurwa Wasatani Ariko Amaraso Ntamera Ahubwarahuma

  • Ivya International crisis group birabe kuri google. Andika: "le criminel Georges Soros" haca haza ayandi ma lien uce uraba iyiza ubwa mbere canke ubwa 2. C’est un de ses réseaux d’organisations que ce criminel finance et utilise pour déstabiliser les régimes africains. Abakorayo rero sont ses pions. Yoooooo

  • mbako mugomba kurondera abatanguje imyiyerekano kumutarondera abatuma ubwicanyi buba muburundi ndetse nuwatumye akajagari jaza sumeje kwitoza ubwagatatu!

  • eeeh hanoturi ni mumufate! niwe ateza intambara mu burundi. iyo nama, nayo mahera yayatangiy h? ariko aratangwa? kanyosha bakwemerey kuyifata? ibikehabwenge vyaragwiriy kweri! nimba uburundi bufise abantu nka cumi nka hanoturi! nukubisonzeshereza!

  • URUCIRAMUKASO RUGATWARA NYOKO.

  • URUCIRAMUKASO RUGATWARA NYOKO.

  • non boba bagejej he guhanura prezida ni’’headstrong’’-

  • non boba bagejej he guhanura prezida ni’’headstrong’’-

  • non boba bagejej he guhanura prezida ni’’headstrong’’non ko leta yica na opposition ikica kwihora bimaze ki?

  • non boba bagejej he guhanura prezida ni’’headstrong’’non ko leta yica na opposition ikica kwihora bimaze ki?

  • NI BUNVIKANE
    KK
    TWE
    ABANYAGIH
    NITWE
    TUHASIGA
    UBUZIMA

  • Nashaka kwishura uwo yiyise iragiryagahutu remy, none ko aba fnl bicwa,bagatuzwa Kubera badashigikiye ubwo butegetsi, ukaba uri iryo ragi none abo mutavuga rumwe muzobica bose mubamare? Emwe komera kweri muracafise akazi, ariko na Hitler yarakomeye mugabo ntiyamaze aba juif ubu nibo bakomeye kwisi, réfléchi, hanyuma wiyumvire gusa icozana amahoro, mu Burundi benshi barumvise ko ingorane atari ubwoko arik ubukunzi bwinda, b’abitwaza pouvoir bagasahura igihugu. None imbonerakure nimwabura ivyo muziha zizobahindukirira

  • Wewe niyonizigiye waracerewe kuvuganira aba FNL nambubakundavyukuri, urazobaza uzosanga murikahise aribobibasiwe barahekurwa bimwe bikomeye nonewarigeze wumba ababivugisha ngwabagiye mumyiyerekano ngonibobaronderwa harinijambo bigeze bavuga? Ndagusubiriremwo yabawewe yaba nuyu urikurashigikira mwaracerewe kuvuganira abarundi murirusangi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.