IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igisasu co mu bwoko bwa "Missile" congeye guterwa na Koreya ya (...)

Igisasu co mu bwoko bwa "Missile" congeye guterwa na Koreya ya ruguru

jeudi 4 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abategetsi ba gisirikare ba Koreya yo mu bumanuko batangaje ko Koreya ya ruguru yateye misile balistike ku musi wa gatatu, igwa ku nkengera y’ibahari ku ruhande rwa Koreya yo mu bumanuko.

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika co kimenyesha ko hageragejwe misile zibiri ariko ko imwe yasambutse igiterwa.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, yavuze ko ivyo bigaragaza ko n’umutekano w’Ubuyapani, igihugu kibanyi, ubangamiwe.

Ukwo kugerageza izo misile kwa Koreya ya ruguru kwiyamirijwe n’amakungu
aho Amerika yaciye igabisha ko yiteguye kwikingira no gukingira ibihugu bicuditse.

VOA dukesha iyi nkuru ivuga ko ibaye misile igira kane igeragejwe n’ico gihugu mu kiringo c’indwi zibiri gusa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.