Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igisasu co mu bwoko bwa "Missile" congeye guterwa na Koreya ya (...)
Igisasu co mu bwoko bwa "Missile" congeye guterwa na Koreya ya ruguru
jeudi 4 Myandagaro 2016, par
Abategetsi ba gisirikare ba Koreya yo mu bumanuko batangaje ko Koreya ya ruguru yateye misile balistike ku musi wa gatatu, igwa ku nkengera y’ibahari ku ruhande rwa Koreya yo mu bumanuko.
Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika co kimenyesha ko hageragejwe misile zibiri ariko ko imwe yasambutse igiterwa.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, yavuze ko ivyo bigaragaza ko n’umutekano w’Ubuyapani, igihugu kibanyi, ubangamiwe.
Ukwo kugerageza izo misile kwa Koreya ya ruguru kwiyamirijwe n’amakungu
aho Amerika yaciye igabisha ko yiteguye kwikingira no gukingira ibihugu bicuditse.
VOA dukesha iyi nkuru ivuga ko ibaye misile igira kane igeragejwe n’ico gihugu mu kiringo c’indwi zibiri gusa.
IGIHE
Messages
11 Nyakanga 2016, 14:34, par paulo masumbuko
isi irageramiwe cane .dusenge dusaba tuti ubwami bwawe MANA NIBUZE.