IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Igiteramo c’ihiganwa rya Primusic carabuze aho kibera mu ntara ya (...)

Igiteramo c’ihiganwa rya Primusic carabuze aho kibera mu ntara ya Ngozi

jeudi 3 Mukakaro 2014

Amatora y’abaririmvyi bazoserukira intara mw’ihiganwa rya Primusic arabandanya uko indwi itashe, inyuma y’intara za Kayanza, Ngozi, Muyinga na Kirundo. I Ngozi nta giteramo canke amatora yabaye. Ubu rero hagezweho izindi ntara 3 zo mu buraruko bushira ubuseruko.

Ihiganwa rya Primusic rirabandanya mu gice ca mbere co gutora abaririmvyi 2 bazoserukira intara zabo mw’ihiganwa ryo ku rwego rw’igihugu. Intara ya Muyinga yatowemwo Nahayo George Mephis hamwe na Landry Michel Gateka. Abo bari bamaze kuja muri iryo higanwa nyene kandi barashoboye gushika mu gice ca kane c’amahiganwa.

Kuva kuri uwo wa gatanu igenekerezo rya 04 Mukakaro gushika kw’igenekerezo rya 06 Mukakaro, Primusic izogendera intara za Karuzi, Cankuzo na Ruyigi. Ibiteramo bizotangura kuva igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.

Mwomenya ko igiteramo co gutora abaririmvyi boserukiye intara ya Ngozi kitabaye. Bivugwa ko ikibuga cari kuberamwo iryo higanwa kiriko kirubakwa, ayo makuru avukaga ko abaserukira ihiganwa basavye ikibanza batevye basanga baramaze kugiha abandi. Mu ntara ya Kirundo naho nta giteramo cabaye, amatora yabaye mu mw’iherero.

Amwe mu mafoto y’igiteramo co mu ntara ya Kayanza


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.