IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Igiteramo ca Fortran n’umurwi wiwe cahimbaye abarorerezi

Igiteramo ca Fortran n’umurwi wiwe cahimbaye abarorerezi

lundi 9 Nyakanga 2013

Igiteramo ca Fortran n’umurwi wiwe cari citezwe n’abantu benshi cane hano i Bujumbura. Ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana niho caraye kibaye, kikaba cari citabwe n’abantu benshi kandi kirabanezera cane, bahimbaza Imana bafadikanije n’abaririmvbyi nka Gabby, Appolinaire, Fabrice, Dudu, n’abandi benshi batandukanye.

Kw’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, niho igiteramo catanguye, aho Fortran yatanguye ashikiriza abantu intumbero y’igiteramo avuga ko citwa” Ntaco nzoba”, mu nyuma abaririmvyi b’umurwi wiwe baciye batangura gufadikanya n’abantu guhimbaza Imana mu ndirimbo zabo zisanzwe zimenyerewe kuko iziri mu rukurikirane rushasha rwabo baziririmvye mu gice ca kabiri.

Muri ico giteramo co guhimbaza Imana, hahawe umuririmvyi wese aririmba mu murwi wa Fortan, akanya ko gushikiriza abantu indirimbo yabateguriye, kandi ivyo vyarahimbaye cane abitabiriye igiteramo, hama mu nyuma haca habandanya n’abandi baririmvyi bari bategekanijwe nabo ku rutonde rw’abahava bateramisha abari bitavye ico giteramo

Umuririmvyi benshi bari biteze cane ni Gabby Kamanzi, yaje ava mu gihugu c’Urwanda. Uwo niwe vyaboneka nk’uko ariwe mushitsi nyamukuru w’igiteramo, aho vyagaragaye ko abarundi bakunda cane indirimbo ziwe kuko yararirimba, abakunzi b’indirimbo ziwe nabo bagahaguruka kumufasha. Vyagiye gukomera ariko araririmba ururirimbo “Amahoro”, aho abantu batamvye birakomera, ava kuririmba batabishaka.

Muri ico gitramo, Fotran yaboneyeho akanya ko gushima Imana yo yamuronkeje ingabirano yo kuyikorera kandi ashimira cane umuririmvyi Appolinaire kuko yamwigiyeko vyinshi mu bijanye n’uyu murimo. Fortran amenyesha ko Appolinaire yamubereye icitegererezo ciza, aca amuhamagara hamwe na Dudu, Fabrice baririmbira hamwe ururirimbo "Ikete", bihimbara abitavye igiteramo.

Ico giteramo cagiye kurangira kw’isaha zine z’ijoroIgiteramo cagiye kurangira kw’isaha z’ine z’ijoro.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.