Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Ihiganwa Primusic riratangura gutora abaririmvyi
Ihiganwa Primusic riratangura gutora abaririmvyi
vendredi 27 Ruheshi 2014
Intambwe ya kabiri y’ihiganwa rya Primusic iratangura mu ntara ya Kayanza. Abaririmvyi biyandikishije mw’ihiganwa bo muri iyo ntara baratangura amahiganwa. Ihiganwa rigiye kuzoca mu ntara zose z’Uburundi, batora abaririmvyi bazoserukira intara.

Abaririmvyi biyandikishije mw’ihiganwa rya Primusic baratangura guhiganwa kuri iri genekerezo rya 27 Ruheshi isaha icenda z’umuhingamo mu ntara ya Kayanza. N’igikorwa ca mbere co kwugurura amahiganwa y’abaririmvyi aho abaririmvyi baririmba mw’ihiganwa. Inyuma y’intara ya Kayanza, hazokwirikira intara ya Ngozi, Muyinga na Kirundo, eka n’izindi zose zizoshikirwa. Mu ntara hazovayo abaririmvyi 46 bazoca bahiganwa ku rwego rw’igihugu.
Mwomenyako abaririmvyi Sat-b, Patient Matabaro yatsinze iryo higanwa mu mwaka w’i 2013 na Big Farious ari batowe guhagararira amahiganwa. Abandi tumaze kumenya bari mu bazotanga amanota n’umuririmvyikazi Alida Baranyizigiye, na Arnaud Nganji. Umukuru w’umurwi utanga amanota n’umuririmvyi Inzatsa Mudibu.
Tubibutseko Primusic yo ku ncuro ya gatatu yatanguye kw’igenekerezo rya 06 Ruheshi, ihiganwa rizorangira kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro 2014. Ikinyamakuru canyu IGIHE kizobashikiriza uko ihiganwa rizogenda gushika rihere.
Cherif Nkeshimana