Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa Primusic riratangura gutora abaririmvyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Ihiganwa Primusic riratangura gutora abaririmvyi

Ihiganwa Primusic riratangura gutora abaririmvyi

vendredi 27 Ruheshi 2014

Intambwe ya kabiri y’ihiganwa rya Primusic iratangura mu ntara ya Kayanza. Abaririmvyi biyandikishije mw’ihiganwa bo muri iyo ntara baratangura amahiganwa. Ihiganwa rigiye kuzoca mu ntara zose z’Uburundi, batora abaririmvyi bazoserukira intara.

Abaririmvyi biyandikishije mw’ihiganwa rya Primusic baratangura guhiganwa kuri iri genekerezo rya 27 Ruheshi isaha icenda z’umuhingamo mu ntara ya Kayanza. N’igikorwa ca mbere co kwugurura amahiganwa y’abaririmvyi aho abaririmvyi baririmba mw’ihiganwa. Inyuma y’intara ya Kayanza, hazokwirikira intara ya Ngozi, Muyinga na Kirundo, eka n’izindi zose zizoshikirwa. Mu ntara hazovayo abaririmvyi 46 bazoca bahiganwa ku rwego rw’igihugu.

Mwomenyako abaririmvyi Sat-b, Patient Matabaro yatsinze iryo higanwa mu mwaka w’i 2013 na Big Farious ari batowe guhagararira amahiganwa. Abandi tumaze kumenya bari mu bazotanga amanota n’umuririmvyikazi Alida Baranyizigiye, na Arnaud Nganji. Umukuru w’umurwi utanga amanota n’umuririmvyi Inzatsa Mudibu.

Tubibutseko Primusic yo ku ncuro ya gatatu yatanguye kw’igenekerezo rya 06 Ruheshi, ihiganwa rizorangira kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro 2014. Ikinyamakuru canyu IGIHE kizobashikiriza uko ihiganwa rizogenda gushika rihere.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.