Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ikiziga ca Steve Gohouri catowe muri Rhin
Ikiziga ca Steve Gohouri catowe muri Rhin
lundi 4 Nzero 2016
Ikiziga c’umukinyi ava mu gihugu ca Cote d’Ivoire Steve Gohouri w’imyaka 34 y’amavuko catowe mu ruzi Rhin,hafi y’igisagara ca Düsseldorf mu burengero bw’Ubudagi.
Ikiziga ca Steve Gohouri catowe kuwa kane kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2015. Itororokanirizo ry’amakuru SID rikorana na AFP rimenyesha ko igipolisi cavuze ko ibipimo vyerekanye ko ata kimenyetso na kimwe cerekana ko yishwe abanje kugirirwa nabi.
Gushika ubu icatumye uwo mukinyi yitaba Imana ntikiramenyekana.Abamwegereye bari bamenyesheje ko yazimiye kuva kw’igenekerezo rya 12 Kigarama. Bamuheruka igihe bariko bahimbaza umunsi mukuru wa Noel ababwira ko agomba kuja kuraba umuryango wiwe i Paris mu Bufaransa,ariko ntiyigeze ashikayo.
Steve Gohouri akina inyuma,yari amaze gutumwako incuro icumi na zitatu mu murwi nserukiragihugu wa Cote d’Ivoire,muri iki gihe yaheruka gushira umukono ku masezerano yo gukinira umurwi wo mu cicaro ca kane mu Budagi.
IGIHE