Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikiziga ca Steve Gohouri catowe muri Rhin - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ikiziga ca Steve Gohouri catowe muri Rhin

Ikiziga ca Steve Gohouri catowe muri Rhin

lundi 4 Nzero 2016

Ikiziga c’umukinyi ava mu gihugu ca Cote d’Ivoire Steve Gohouri w’imyaka 34 y’amavuko catowe mu ruzi Rhin,hafi y’igisagara ca Düsseldorf mu burengero bw’Ubudagi.

Ikiziga ca Steve Gohouri catowe kuwa kane kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2015. Itororokanirizo ry’amakuru SID rikorana na AFP rimenyesha ko igipolisi cavuze ko ibipimo vyerekanye ko ata kimenyetso na kimwe cerekana ko yishwe abanje kugirirwa nabi.

Gushika ubu icatumye uwo mukinyi yitaba Imana ntikiramenyekana.Abamwegereye bari bamenyesheje ko yazimiye kuva kw’igenekerezo rya 12 Kigarama. Bamuheruka igihe bariko bahimbaza umunsi mukuru wa Noel ababwira ko agomba kuja kuraba umuryango wiwe i Paris mu Bufaransa,ariko ntiyigeze ashikayo.

Steve Gohouri akina inyuma,yari amaze gutumwako incuro icumi na zitatu mu murwi nserukiragihugu wa Cote d’Ivoire,muri iki gihe yaheruka gushira umukono ku masezerano yo gukinira umurwi wo mu cicaro ca kane mu Budagi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.