IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Imirwi 2 yatowe guserukira u Burundi mu mahiganwa ya zone 5

Imirwi 2 yatowe guserukira u Burundi mu mahiganwa ya zone 5

lundi 21 Nzero 2013

Kuruyu wa gatanu niho ya mirwi 2 yatowe guserukira uburundi muri ya mahiganwa ya zone 5 mu bagabo no mubigeme yaja muri tanzanie aho izo nkino zizobera Gushika italiki 25 nzero 2013. Ariko abajejwe guhitamwo ababizi(selectionneurs) ntibahuza cane.

Leonce Niyongabo umumenyereza w’umurwi w’abigeme yarerekanye igitigiri c’abakinyi afise, 15 kuri 20 gusa nibo bemewe. Abandi batanu babuze ni abavuka i ngozi basanzwe bimenyerereza mu buganda no muri kenya. Gushika ubu uwo mumenyereza ntaramenya icatumye abo bakinyi basiba guserukira uburundi murayo mahiganwa

Kubw’umurwi w’abagabo watowe ugatera impari nyinshi, umumenyereza mathias ntaca kuruhande mu kuvuga ko ataco bobitegako kinini kuko mugihe co gutora abo bakinyi bashimye gutora urunganwe rushasha. Inyishu rero zizofata igihe kirekire

JUDO : umurwi nserukiragihugu mu kunagana bita JUDO uriko uritegura kuja mu mahiganwa ya zone 5 azobera muri tanzaniya mukwezi kwa ntwarante

FOOTBALL : mwarumvise ko abakinyi bamwe bamwe bagiye gukinira mu bindi bihugu aha twovuga nk’umukinyi wa atletico w’inyuma kuruhande rw’iburyo NIMUBONA Emery batazira kadogo yagiye muri AS Vita mugihugu ca republika iharanira demokarasi ya congo

Fiston Abdul Razak akinira L.L.B Academic nawe nyene yoba azokurikira kadogo muri uwo murwi wa AS Vita. Naho umurwi Saint eloi LUPOPO wo muri ico gihugu nyene wamurondera we yihitiyemwo kuja kwigereza muri AS Vita club . gushika ubu nta makuru menshi yiwe dufise kuko umurwi wiwe wahisemwo kutagira ico uvuze kur’ico kibazo.

NDIKUMANA Selemini azwi cane kw’izina rya sele-Drogba ari nawe yahoze ari kizigenza w’umurwi intamba mugihe CECAFA Yabera mubuganda aho yabaye rurangiranwa, amaze kwirukanwa mu murwi wa APR kubera politique yuwo murwi yo guha amahirwe imbere ya vyose abakinyi babanyarwanda. Amakuru avuga ko yoba yarasinye amasezerano n’umurwi EL MEREKH. Ariko amahera yaguzwe canke umushahara yoba ahembwa ntibiramenyekana.

Mu kurangiza, mu gutondeka imirwi yabaye iyambere nkuko vyama bikorwa na FIFA uko ukwezi gutashe uburundi bwagumanye ikibanza bwari bufise mukwezi guheze nukuvuga bugira 104. Kubazi ivyerekeye umupira w’amaguru bavuga ko ico kibanza ari ciza cane kuko ngo imirwi ikomeye y’i Buraya mugutora abayikinira itora mubihugu 100 vyambere. Muri zone ya CECAFA Uburundi buza mukibanza ca 2 inyuma y’ubuganda.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.