Accueil > Amakuru > Mu makungu > Indege yakorotse ku kibuga ca San Francisco
Indege yakorotse ku kibuga ca San Francisco
dimanche 7 Mukakaro 2013
Indege yo mw’ishirahamwe rya Asiana yo mu gihugu ca Korea y’Epfo yari ije iva i Seoul yaraye igize isanganya aho yari ishitse ku kibuga c’indege ca San Francisco maze abigeme b’imiyabaga babiri baca baritaba Imana ubwo nyene.
Muri iyo ndege, harimwo abantu bashika amajana atatu, ishirahamwe ry’indege rya Asiana riremeza ko abakobwa babiri b’imiyabaga bo mu Bushinwa bahasize ubuzima. Ubutegetsi bwa Asiana buremeza ko atari ikibazo c’ubuhinga cateye iyo ndege kurwa ititeguye. Asiana ikaba ari ishirahamwe ry’indege nini yo muri Koreya y’Epfo, ndetse ikaba igira kabiri mu ndege zinini zo muri Korea y’Epfo.
Mw’itangazo rya Boeing, ryamenyesheje ko izoterera uburyo bw’ubuhinga mu gukora amatohoza ku cateye iryo sanganya. Ibimenyetso vya mbere vyerekana ko iyo ndege yashitse hasi kare, ariko igaca iseka igihome co kw’ibahari ku kibuga c’indege. Abantu umunani harimwo n’abana babiri bakomeretse cane bariko baravurirwa mu bitaro vya San Francisco. Abantu 181 nibo bari bajanywe kwa muganga, abenshi muri batakomeretse bikabije.

Aristide Nizigire