Indege yo muri EgyptAir yanyurujwe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 29 Ntwarante 2016 saa 11:46
Yasomwe : 16344
0 0

Indege yo mw’ishirahamwe ry’ukwunguruza abantu ryo mu Misiri (EgyptAir) yari yanyurujwe yaguye ku kibuga c’indege ca Larnaca, mu gihugu ca Chypre.
Iyo ndege yanyurujwe yari itwaye abantu ivuye i Alexandrie yerekeza i Kayiro, ikaba yanyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho. Abo bitwaje ibirwanisho bategetse iyo ndege kuja kugwa muri Chypre, nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’ishirahamwe ry’indege rya Air Misri.
Itangazamakuru ryo muri Chypre rimenyesha ko iyo ndege irimwo abantu 55, hakaba hari (...)

Indege yo mw’ishirahamwe ry’ukwunguruza abantu ryo mu Misiri (EgyptAir) yari yanyurujwe yaguye ku kibuga c’indege ca Larnaca, mu gihugu ca Chypre.

Iyo ndege yanyurujwe yari itwaye abantu ivuye i Alexandrie yerekeza i Kayiro, ikaba yanyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho. Abo bitwaje ibirwanisho bategetse iyo ndege kuja kugwa muri Chypre, nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’ishirahamwe ry’indege rya Air Misri.

Itangazamakuru ryo muri Chypre rimenyesha ko iyo ndege irimwo abantu 55, hakaba hari inkuru zari zamenyekanye ubwa mbere zavuga ko iyo ndege yarimwo abantu barenga 80.
Iyo ndege yo mu bwoko bwa MS181, Airbus A320, itwara abantu 81.

Umuntu yari muri iyo ndege yari yambaye umusipi uriko ibisasu vy’ukwituritsa, yategetse umudereva w’iyo ndege kuja mu gihugu ca Chypre, nk’uko bimenyeshwa na EgyptAir.
Abategetsi mu giporisi ca Chypre bavuze ko abayinyuruje ata kintu na kimwe basavye.

Ikibuga c’indege ca Larnaca cugawe, mu gihe indege zategerezwa kuhagwa zaciye zirungikwa ahandi.


Kumenyekanisha

1
NDUWIMANACLAUDE 3-04-2016 à 06:08

NONE,IYONDEGEYARAFASHWE? CANKENTIRAFATWA?

2
Gerard Ndayisaba 30-03-2016 à 07:12

Abasuzuma Ntibasuzumwe Uyo Muntu

3
nkurikiye mohamed 29-03-2016 à 20:48

abonabagibanabi ntibogezaho kuvahobibiyd bisigurako atariyoyonyene,nibashire ibirwanishohasi bakoreshe ubutungane.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha