IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Amasanamu y’indirimbo “naratoranijwe” yasohotse icese

Amasanamu y’indirimbo “naratoranijwe” yasohotse icese

samedi 24 Myandagaro 2013

Umuririmvyi David Nduwimana aherutse kuririmba indirimbo "naratoranijwe ", ariko arabandanya kwigaragaza cane mu muziki. Iyo ndirimbo ikaba iririmbwe mu mudiho w’intambo z’ikirundi.

Kuri uyu wa gatandatu amasanamu yayo akaba yamaze kuja ku mugaragaro. David nduwimana avugako mu ndirimbo ziwe akunda cane, iyi iza muza mbere kuko igaruka kukwerekana ukuntu umudiho w’ikirundi uryoshe cane, iyo uwinjije mu ndirimbo zihimbaza Imana.

Iyi ndirimbo ikaba yarakorewe mu buhinyanyuro bwa Fleury Pro buri muri komine Nyakabiga, mu gisagara ca Bujumbura, aho uyo muririmvyi ariko abandanya akorera amasanamu y’indirimbo ziwe.

Twobibutsa ko uyo muririmvyi David Nduwimana, ubu ari mu gihugu ca Australiya aho yitavye igiteramo co guhimbaza Imana kizohabera kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 25 Myandagaro 2013.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.