IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ingingo y’Ubwongereza y’ukuva mu bumwe bwa Buraya izogira ingaruka (...)

Ingingo y’Ubwongereza y’ukuva mu bumwe bwa Buraya izogira ingaruka Afrika

samedi 25 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Akarere ka Afurika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara kazoshikirwa n’ingaruka mu vyerekeye ubutunzi z’ingingo y’Ubwongereza y’ukuva mu muryango w’ubumwe bwa Buraya. Ivyo bishikirizwa n’abakurikiranira hafi ico kibazo. Ariko rero, urugero rw’ingene izo ngaruka zizoba zingana ntivyoroshe kumenya.

Akarere ko muri Afurika yo mu buseruko, intara ifitaniye kahise gakomeye ka gikoroni n’Ubwongereza, niko izo ngaruka zizokwibonekezamwo kurushiriza. Ivyo bitangazwa n’umuhinga mu vyerekeye amafranga, Aly-Khan Satchu. Yamara amenyesha ko ata muntu n’umwe azi neza ibizoshika.

Nk’uko tubikesha VOA, uwo muhinga avuga ko ari ivyumvikana yamara ko iyo ngingo y’Ubwongereza izotuma imirimo y’ubudandaji igabanuka, nk’imitahe cane cane.

Ubwongereza ni kimwe mu bihugu bishorera imitahe bikomeye cane mu gihugu ca Kenya.

Ibihugu vya Kenya na Afrika y’epfo vyarondeye guhumuriza abanyagihugu n’abanyamitahe.

Abategetsi b’ivyo bihugu bamenyesheje ko biteguriye guhangana n’inkurikizi z’ingingo y’Ubwongereza y’ukuva mu muryango w’ubumwe bwa Buraya.

Afrika y’epfo nico gihugu gifitaniye imigenderanire ikomeye cane mu vy’ubudandaji n’Ubwongereza hamwe n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya.


IGIHE

Messages

  • EU NIBAYIVEKO HARAGEZE UMUNTU N’UWOTERINTAMBWE NTAKUGUMA MUKWAHA KWUWUNDI MUGABO KIRETSE BANYABWOBA. NABO NIBIGUMYE NTAKUNDI!

  • Nibindi bihugu birinyuma yokuva muriryo shirahamwe tureke ubwongereza,kuko ubumwe bwa buraya nakagwi kagiyeho kugira bagume baducura bufuni nabuhoro twe abanyafrika,mbe uyo muhinga wamafaranga muvuga mwotubwira igihugu avamwo?wosanga arumubirigi?babirigi, namwe baja bababirigi, mwaraduhangaye ngo muratwikuyeko ngo muhagaritse ubufaranga bwanyu, ntitubayeho muraze murabe,muminsi muzosanga muri mwenyene!nakare niho afrika yokanura kuko nimwe mutuma tudaterimbere,mwirigwa mwikuruta ngaha muri afrika murya utwacu,ariko NKURUNZIZA nabarundi arongoye bobo barabanikiye,yoooh! tuguma dusenga mutuveko muzogume mutamika kagame nayo abarundi tuguma tuvuga ngo:TUVEKO

  • None Mugomba Uburundi Bube Ikibuga Cabadayimoni? Komwadutse Kugurisha Abantu Ayomashirahamwe Nimuyahane Vyakarorero

  • None Mugomba Uburundi Bube Ikibuga Cabadayimoni? Komwadutse Kugurisha Abantu Ayomashirahamwe Nimuyahane Vyakarorero

  • naho woba igihangange gute tinya IMANA niyo yimika abami ikongera ikabakura aho ishakiye nabado ubumwe bwaburaya ntaco burabona butavuxye inyuma yuburundi amaraso yabarundi yose yamenetse ariko aratakira imbere y’UHORAHO nkamwe yaberi none bumwe bwaburaya nobahanura kureka guteranya abarundi kuko abapfu bose bari kugatwe kanyu tiny’IMANA umutama wacu kwisi yose yubaha IMANA avuga ati IMANA MUSHOBORA VYOSE NIYO CABONA yirirwa mumasengesho mubona ntimuhakure icirwa nagira mpanure abarundi bene wacu musara mutasara ntawe avuma uwo IMANA itavumye akarorero na dawid yishe goriyati arumwana mutoyi none nobahanura komworeka kumena amaraso yabarundi kubera inda zanyu kuko Imana ntinyegezwa uwazanye izingorane muburundi ahari hose kwisi IMANA izobimubaza ntakinyoma kirimwo IMANA izomugira nka farawo mpaka abibazwe natwe abarundi tubandanya dusenga ngo IMANA yereke ivyo bihangange inkomezi zayo iyimitse pita nyaguhora kungoma niyo izomukura naho nyene hageze nimurabe iyo yavuye muce mwubaha IMANA AMEN

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.