IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Intara ya Makamba yaronse amanota make muri Primusic

Intara ya Makamba yaronse amanota make muri Primusic

lundi 21 Mukakaro 2014

Ibikorwa vyo gutora abaririmvyi bazoserukira intara mw’ihiganwa rya Primusic birabandanya, intara za Makamba na Bururi zaratanze k’umugaragaro abaririmvyi bazoziserukira, mu ntara ya Rutana baratowe ariko nta giteramo cabaye.

Imbere y’abanyagihugu isinzi bitaba ibiteramo rya Primusic, imbere y’abatanga amanota n’abamenyeshamakuru, intara ya Makamba yaratowemwo abazoyiserukira mu mahiganwa azokwirikira. Abatowe ni Dusabayezu Angelo na Butoyi Cedric. Intara Makamba yabaye intara ya mbere yaronse amanota make muri rusangi. Abatanga amanota batangajeko ironse amanota make angana ibice 50%.

Arnaud Nganji, umwe mu bagize umurwi utanga amanota (jury), avugako atabona neza igituma intara ya Makamba yasubiye inyuma agereranije no mu mwaka uheze kuko n’uwaronse ikibanza ca kabiri mu mwaka uheze atitavye ihiganwa ry’uno mwaka. Nganji agirako atanga impanuro ku baririmvyi baja mw’ihiganwa rya Primusic, abahanura kwumviriza impanuro bahabwa imbere y’uko baja ku ruhimbi (Podium), ikindi n’uko bokwitegura bakumviriza neza abaririmvyi babizoberemwo, hanyuma bakirinda ubwoba.

JPEG - 32 ko
Arnaud Nganji

Angelo na Cedric bahejeje gutorwa bose barakengurukiye ishirahamwe Brarudi biciye ku kinyobwa ca Primus mw’ihiganwa rya Primusic, barakenguruka abatanga amanota ko badahengama, eka barakenguruka n’impanuro bahabwa zizobafasha guhangana n’abandi baririmvyi mu gice ca kane c’ihiganwa.

Mu ntara ya Bururi igiteramo ca Primusic cabereye muri Komine Rumonge, icibonekeje n’uko abantu bitavye ico giteramo bari benshi gushika naho ikibuga cuzura kikarenga. Inyuma yo kwumviriza umuririmvyi umwe umwe, umwigeme Mugisha Merveille n’umusore Niyokwizera Moses ni bashoboye gutorwa.

Nta giteramo cabaye mu ntara ya Rutana ariko abajejwe gutanga amanota baratoye abaririmvyi 2 bazoserukira iyo ntara. Hatowe Nintunze Pierre na Igirukwayo Florent.

JPEG - 67.9 ko
Nintunze Pierre na Igirukwayo Florent

Mwomenyako intara ya Makamba ari yaheruka gutsinda ihiganwa rya Primusic biciye k’umuririmvyi Patient Matabaro yari yaserukiye iyo ntara. Tubibutseko abaririmvyi 2 batorwa baca baronswa ibaha y’ibihumbi ijana.

JPEG - 42.4 ko
Sat b n’umurwi wiwe ku ruhimbi ry’abaririmvyi
JPEG - 32.6 ko
Sat b ari mu banyagihugu

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.