IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Irak : Igisagara ca Fallujah cafashwe cose

Irak : Igisagara ca Fallujah cafashwe cose

lundi 27 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umutegetsi mu gisirikare ca Iraki amenyesha ko inteko z’ico gihugu zigaruriye igisagara ca Fallujah bagikuye mu minwe y’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu mu ntambara yari imaze ukwezi ihuza izo mpande zibiri.

Lieutenant-General Abdul-Wahab al-Saadi yamenyesheje kuri uwu w’Imana ko abasirikare ba Iraki bafashe agace ka Julan kari mu micungararo ya Fallujah, kari kakiri mu minwe y’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu.

Iyo ntwazangabo imenyesha ko igisagara ca Fallujah casambuwe nka cose kandi abanyagihugu baharurwa ku bihumbi 85 bakeneye gufashwa vyihutirwa.

VOA ivuga ko gushika ubu hataramenyekana abasize ubuzima muri iyo ngwano haba mu barwanyi b’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu canke mu basirikare ba Reta ya Iraki.

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Haider al-Abadi yatangaje ko ikigiye gukurikira ari ugusubira kwigarurira igisagara ca Mosul.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.