IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ireresi "Wekeza Inalipa" ihurikiyemwo abakinyi bo muri EAC yagiye ku (...)

Ireresi "Wekeza Inalipa" ihurikiyemwo abakinyi bo muri EAC yagiye ku mugaragaro

mercredi 16 Gitugutu 2013

Inyuma yaho abakinyi b’amareresi bo mu bihugu bihurikiye muri Afrika y’Ubuseruko bahuriye i Dar es Salaam kugira bakinire hamwe ireresi iri mu rurimi rw’igiswahili yitwa Wekeza Inalipa, iyo reresi barahejeje kuyikina, ndetse ija yamaze n’ugutangura kuzunguruka ku mbuga ngurukanabumenyi nka You Tube n’izindi.

Muri iyo reresi rero, haragaragaramwo abakinyi b’amareresi bakomeye cane aha twovuga nk’abazwi cane mu mareresi yo muri ibi bihugu vyacu vyo mu karere k’Ubuseruko bw’Afrika nka Rose Ndauka, Batuli, Slim Omary, Single Mtambalike Hidaya Njaidi, Patcho Mwamba bo mu gihugu ca Tanzaniya na Irakoze sonia fidelité ava mu gihugu c’Urwanda, joyliz wo muri kenya, Emy na Cynthia bo mu gihugu c’Uburundi, Okuyo w’Uganda.

Mu ntangamarara y’iyo reresi abo bakinyi bariyerekana bose ku buhinga ngurukana bumenyi bwa You Tube, bikamara iminota ibiri n’amasegonga mirongo itatu n’icenda (2 :39), ndetse bakanereka igice c’umwe umwe wese ivyo aza gukina. Muri iyo ntangamarara kandi, abaserukiye Uburundi nka Emery Ndaboroheye batazira Emy Emery, aseruka ku musegonda wa 37, agakina gushika ku musegonda wa 41, ni ukuvuga ko akina umwanya ungana n’amasegonda 4, ariko arasubira akagaruka ku munota n’amasegonda 45, agakina gushika ku munota n’amasegonda 49, muri ico gice ca kabiri, akina amasegonda ane nyene. Yose hamwe, Emy Emery akina amasegonda 8, bigaragara ko mu ntangamarara afise umwanya, kuko uretse Cynthia w’umurundikazi nawe afise amasegonda 7 kuko aza ku musegonda wa 58, agakina gushika ku munota n’amasegonda atanu, abandi nka bose bafise amasegonda kuva kuri ane, gushika kuri atandatu.

Inyuma y’isohoka ry’iyo reresi Wekeza Inalipa, Emy Emery akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko yanezerewe cane, aravye uburyo bakinanye n’abandi basanze muri ico gihugu, kandi bagashobora gukina neza nk’uko bari bavyipfuje.

Emy Emery rero, akaba avuga ko inyuma y’ ukugaruka mu gihugu c’Uburundi, azobanza gusohora amasanamu y’indirimbo yiwe ari mu rurimi rw’igiswahili, ariko ifise ijambo ry’umutwe riri mu rurimi rw’icongereza yitwa I love you God.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.