IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ry’abahungutse risaba Petero Nkurunziza kudasubira (...)

Ishirahamwe ry’abahungutse risaba Petero Nkurunziza kudasubira kwitoza

mardi 31 Ntwarante 2015

Ishirahamwe ry’abacitse kw’icumu bahungutse bunze ubumwe ku bw’iterambere ryuzuye kandi rirarama; basaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kudasubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Mu kiganiro iryo shirahamwe ryahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 31 Ntwarante uwu mwaka, risaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kudasubira kwitoza ubugira gatatu kuko bishobora gukwega intambara mu gihugu. Ku bwa Sabushimike Obède umukuru w’ishirahamwe ARRUDID (Association des Rascapés Rapatriés Unis pour le Développement Integral et Durable) avuga ko abahungutse barushe n’ukwamana intekera ku mutwe, biyamirije ikindi kiringo ca Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, bakiyamiriza kandi bivuye inyuma imirwi iriko irashingwa yo gutera intambara ,u gihugu.

Muri iryo shirahamwe bavuga ko hamwe umukuru w’igihugu yovuga wenyene ko azitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu ubugira gatatu, bazoraba nimba bazifatanya n’abandi barundi bamaze kubivuga ko bazoja mw’ibarabara, canke bazoca mu zindi nzira zo guhagarika ico kiringo. Abo bahungutse, bakavuga ko bumviye umukuru w’igihugu akamo yabateye bagahunguka bava iyo bari baragorewe mu mahanga, inyuma y’aho abemereye ko azobabungabungira amahoro n’umutekano, bakamusaba ko yokoresha inguvu zose, mu gukingira abarundi, kugira ntibasubire guhunga, ngo basubirane intekera ku mutwe.

Iryo shirahamwe rero, rikaba risaba urwaruka kutumviriza abanyeporitike bariko barushira mu ntambara, nyabuna bibuke amagorwa abarundi batandukanye bazaniwe n’izo ntambara zurutavanako, zahitanye isinzi ry’abantu, abandi bakarwa mu buhungiro iyo bari barahungiye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mwoshaka mukareka muhanura ikijuju

  • burabeneza ntadusubije imtabira hako adusubizayo.twemera gupfira aha kuko kumabi twaboneyeyo ntidusubirayo tufuma dupfira mwibarabara tumwiyamiriza.ahubwo ntabwenge agira abonye amavyi twaririye imtabira agomba adusubijeyo.ahubwo tutasubirayo niwe asubirayo na adolofe aribagiye intete zibigori yaririyeyo none ngo adusubijeyo.ntitwemera kirazira.nayo ngo ntakivako nabuyoya yarakivuyeko yiyitako arenza intege musi yikiraro.nawenyene ntiyigire ngangari ngo ntakivako yanka yemera arakivako.kuneza kunabi arakivako ntabwo aricanyina canke acasije se.amanye ko na se yapfu agisiga aho ntidusubira imtabira

  • ARRUDID umuhuza wabahungutse nimukomere kwibanga. Hama akamo mwateye umukuru w’igihugu twizereko yakumvise kabisa. uwutazi amabi twaboneye mubuhungiro mumakambi atandukanye araza atubaze. rero abahungutse duhagararire amahoro numutekano. twiyamirize icocose cosubiza inyuma amahoro abarundi turarushe. Nkurunziza tumusavye kutamera nk’umwana impembo yiwe ipfa mumagodoka!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.