IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Israel : Abantu batatu baguye mu gitero abandi batandatu barakomereka

Israel : Abantu batatu baguye mu gitero abandi batandatu barakomereka

jeudi 9 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu babiri bitwaje ibirwanisho barashe ku bantu bariko barasuma n’abariko barafungura, kw’isoko iri hafi y’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’igihugu ca Israel, ku murwa mukuru Tel Aviv, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu. Abo bantu bitwaje ibirwanisho bishe abantu batatu, bakomeretsa abandi batandatu.

Igiporisi c’igihugu ca Israel kivuga ko cari igitero c’iterabwoba, ariko ko ibintu vyasubiye mu buryo, igiporisi caciye gisuzuma ko ata mabombe abakoze ico gitero boba basize mu karere cabereyemwo.

Umuvugizi w’igiporisi, Mickey Rosenfeld, amenyesha ko abo bantu babiri bitwaje ibirwanisho bafashwe, inyuma yuko umwe muribo arashwe, agakomereka. Yatangaje ko bakoresheje inkoho zikomeye mu kubivuna.

Bitegekanijwe ko umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu, yari atahutse mu gihugu avuye mu rugendo, i Moscou, ku murwa mukuru w’Uburusiya, agirisha inama yihutirwa n’abategetsi bajejwe umutekano w’igihugu, harimwo umushikiranganji mushasha ajejwe kwivuna abansi.

Ico gitero co ku munsi wa gatatu cakozwe kw’isoko rya Sarona, hagati ku murwa mukuru, Tel Aviv, ikibanza abantu basumiramwo, kandi kirimwo uburiro.

Igiporisi kimenyesha ko kizotohoza kugira kimenye iyo abagize ico gitero baje bava, n’ukungene bashoboye kwinjira muri ico kibanza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.