Accueil > Amakuru > Mu makungu > Israel mu biganiro n’abanya Palestina
Israel mu biganiro n’abanya Palestina
mardi 30 Mukakaro 2013
Umushikiranganji John Kerry yamenyesheje ko ari igihe kidasanzwe, igihe yasangira imfungurwa zo mu gitondo ca kare n’intumwa zo mu burasirazuba bwo hagati ziri mu mapfungo ya Ramadan.
Imbere y’aho, umukuru w’igihugu Barack Obama yarashimye itangurwa ry’ico gikorwa c’ibiganiro hagati ya Israel n’abanya Palestina, ariko agabisha ko imbere hari guhitamwo kutoroshe.
Ivyo biganiro bitanguye inyuma y’imyaka itatu, Israel imaze kwemera kurekura imbohe z’abanya Palestina zigera kw’ijana.
Iyo ngingo yo kurekura abanyororo yaciyemwo ibice abagize Leta ya Israel, izoshirwa mu ngiro mu biringo bitandukanye, bizomara amezi.
Mu mezi atanu aheze, umushikiranganji John Kerry yagize ingendo zitandatu mu karere k’uburasirazuba bwo hagati mu nzira yo kurondera kuvyura ivyo biganiro.

Floxella Karire