Accueil > Amakuru > Mu makungu > Italie : Umushikiranganji w’umwirabure ntiyorohewe
Italie : Umushikiranganji w’umwirabure ntiyorohewe
vendredi 21 Ruheshi 2013
Cecile Kyenge avuka mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ariko akaba ari mu bagize Leta y’igihugu c’Ubutariyano, ntiyorohewe kuva agenywe kuja mu mabanga y’ukuba umushikiranganji kuko aguma agirwako iterabwoba ndetse hakaba n’abamubwira amajambo ateye ubwoba cane ajanye n’amacakubiri afatiye ku rukoba.
Ubu rero hageze n’aho bamwe mu batowe bahamagarira abanyagihugu kumugirira nabi izuba riva, aha twovuga nk’ivyashitse aho umugore yatowe mu gisagara ca Padoue asanzwe ari mu mugambwe w’abava mu Buraruko bw’Ubutariyano, aho asaba abanyagihugu kumuhohotera kugira ashobore kwumva, kuko bamwagiriza ko ari intumva kubona yaragiye muri Leta y’Ubutariyano kandi ari umwirabure. Ayo majambo rero avugwa n’abadashaka ko uyo mupfasoni aguma ari mu bashikiranganji b’Ubutariyano, ariyamirizwa n’abantu atari bake, ndetse n’abakuru b’ibisagara bitandukanye. Umuhanuzi mu gisagara ca Padoue avuga ko ahubwo biteye isoni kwumva umuntu yatowe n’abanyagihugu, ashobora gusaba abanyagihugu gutoteza umushikiranganji, avuga ko hari abantu bakiri inyuma mu bintu bijanye n’agateka ka zinamuntu, ati nta n’umwe azohohotera uyo mushikirangsnji n’aho hari uwabahamagariye kumugirira nabi.
Abandi biyamiriza ivyavuzwe n’uyo mukenyezi, n’abakenguzamateka bamuka mu mugambwe umwe nawe. Massimo Bitonci, avuga ko ahubwo uwasavye abanyagihugu guhohotera umushikiranganji kubera akabira kiwe, akwiye gusaba imbabazi kuko yaramenje, muri iki gihe tugezemwo amajambo nk’ayo atagifise agaciro.

Floxella Karire