IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Kanyombya yaraye mw’ibohero

Kanyombya yaraye mw’ibohero

jeudi 21 Myandagaro 2014

Kanyombya, umukinyi w’amareresi aturuka mu gihugu c’Urwanda yaraye mu minwe y’inyamiramabi. Yagirizwa kugonga umugore agatako akamukubita.

Amakuru dukura mu kinyamakuru "umuryango.com" co mu Rwanda, yemeza ko umukinyi w’amareresi Kayitankore Ndjoli azwi kw’izina rya Kanyombya yaraye mu minwe y’inyamiramabi. Ariko akwirikiranwa ku caha co kugonga umugore n’agapikipiki yariko agendesha mu mihana. Nk’uko ayo makuru abandanya abivuga, Kanyombwa amaze kumugonga, yaciye amurengerako amukubita amakofe. Uwo mugore n’abandi baje kumutabara bahavuye bahamagara inyamiramabi, ari nako gufatwa akajanwa mw’ibohero.

Mbabazi Modeste inyamiramabi akaba n’umuvugizi w’igipolisi mu gisagara ca Kigali avuga ko Kanyombya apfunzwe ku mvo z’amatohoza, kugira bamenye icatumye agira ibintu nk’ivyo, hanyuma bamucire igihano hamwe icaha comwagira.

Ejo hahise kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro, niho Kanyombya yafatwa akajanwa gupfungirwa mw’ibohero riri ahitwa Muhima.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.